Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 21:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 at’ Ivyo mubona ivyo, mu misi izoza ntihazosigara ibuye rigeretse ku rindi ridasamburiwe hasi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 “Ku bijanye n’ibi muriko murabona, nagira ndababwire ko ata buye na rimwe rizosigara rigeretse ku rindi; yose azosamburirwa hasi.”

Gade chapit la Kopi




Luka 21:6
20 Referans Kwoze  

Yesu aramubaza, at’ Urarāba iyi nyubako ihambaye? Ntihazosigazwa ibuye rigeretse ku rindi, ridasamburiwe hasi.


Arababgira, ati Ntimubona ivyo vyose? Ndababgire ukuri: Aha ntihazosigazwa ibuye rigeretse ku rindi, ridasamburiwe hasi.


Bitewe n’uk’ umusozi Siyoni ucitse amatongo: Imbgebge zisigaye zihatambatamba.


Kuko nzoba nkoranije amahanga yose ngw atere i Yerusalemu; umurwa uzotsindwa, amazu asahurwe, bafate abagore babende ku kagōbēro; igihimba c’abo ku murwa bazojanwa ar’ inyagano, arikw amasigarira ntazokūrwa kur’ uwo murwa.


Ugurura inzugi zawe, Lebanoni, umuriro uturire ibiti vyawe vy’amasederi.


Ewe kuntu izahabu yafyirifyitiye! Ukuntu izahabu nziza yahindutse ukundi! Amabuye y’ahēra h’urusengero yasābagijwe mu mayirabiri yose.


bati Mika w’i Moresheti yavugishwa n’Imana ku ngoma ya Hezekiya umwami w’i Buyuda; kandi yabariye abantu bose b’i Buyuda, at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Siyoni hazosīzwa hahinduke nk’ubusīze, Yerusalemu hazohinduka ibirundo vy’ amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uzohinduka nk’ikibira kiri ku mpinga z’imisozi.


N’iki kikuvugisha mw izina ry’Uhoraho ngw Iyi ngoro izomera nk’i Shilo, ngo N’iki gisagara kizoba amatongo, ata wukikibamwo? Nukw abantu bose bakoranira kuri Yeremiya mu ngoro y’Uhoraho.


ngo Ni ho azohindura iyi ngoro kuba nk’i Shilo, kandi n’iki gisagara ngw Azogihindura ikivume ku mahanga yose yo mw isi.


Nuko ni co gituma Siyoni hazohinduka ubusīze kubganyu, n’i Yerusalemu hahinduke ibirundo vy’amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uhinduke nk’ ikibira kiri ku mpinga y’umusozi.


Baramubaza, bati Mwigisha, non’ ivyo bizobaho ryari? Ikimenyetso kizoba iki c’igihe ivyo bizogira bishike?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite