Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 21:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Kandi ntihazohara agashatsi na kamwe ko mu mitwe yanyu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Ariko nta n’agashatsi ko ku mitwe yanyu kazotakara

Gade chapit la Kopi




Luka 21:18
7 Referans Kwoze  

Ariko n’umushatsi wo ku mitwe yanyu wose waraharūwe.


Arikw abantu babarira Sauli, bati None Yonatani yopfa, kand’ ari we yahaye Abisirayeli ugutsinda kungana gurtyo? Biragahera! Turahiye uguhoraho kw’Uhoraho yukw ata n’agashatsi na kamwe ko ku mutwe wiwe kazohara ngo gakorokere hasi; kuko ku vyabaye uyu musi yafatanije n’Imana. Uko ni kw abantu bākijije Yonatani ngo ntāpfe.


Nuko ndabinginze, ni murābe utwo murya: kukw ari vyo vyobakiza, kandi ntihazohara agashatsi na kamwe ko ku mitwe yanyu.


Ariko n’umushatsi wo ku mitwe yanyu wose waraharūwe. Ntimutinye; muruta utunyoni twinshi.


Aramwishura, ati Ndakwinginze mugenzi, undahire Uhoraho Imana yawe, kugira ng’ ūhōra uwishwe ntaz’ aze kwica, bakamarīra n’agahungu nari nsigaranye. Umwami aramwishura, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, yukw ata n’agashatsi na kamwe ko ku mutwe w’umwana wawe kazohara ngo gakorokere hasi.


Kandi nah’ abantu bagukūriye hasi ngo baguhīge, bakwice, ubugingo bgawe buzokwama butēkeye mu mutēkero w’abariho ufiswe n’ Uhoraho Imana yawe, mugenzi: kand’ ubugingo bg’abansi bawe azobushibura nk’ibuye ritewe n’ umugozi.


Muzoba mwanswe na bose babahōra izina ryanje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite