Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 21:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 kukw ari jewe nzobaha ururimi n’ubgenge, ivyo ababarwanya bose batazoshobora gutsinda canke gutururuza.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 kuko nzobaha amajambo n’ubwenge bizotuma abababuranya badashobora kubahaririza canke ngo babahinyuze.

Gade chapit la Kopi




Luka 21:15
17 Referans Kwoze  

Maz’ Uhoraho arāmvura ukuboko ankora ku munwa; Uhoraho arambarira, at’ Ehe nshize amajambo yanje mu kanwa kawe.


Kandi nanje nyene munsengere, kugira ngo mpabge insiguro uko mvuze kwose, mmenyekanishe nshize amanga ibanga ry’ubutumwa bgiza,


Kuko Mpwemu Yera mur’ ako kanya nyene azobategekera ivyo mukwiye kuvuga.


ariko ntibashobora gutsinda ubgenge na Mpwemu bimuvugisha.


Maz’ abungura ubgenge ngo batahure ivyanditswe.


Arikw asangwa har’ uwo muri mwebge akennye ubgenge, n’abusabe Imana, igabira bose ata kinūbge, idaterana imirarwe, azobuhabga.


Kuk’ Uhoraho atanga ubgenge, Mu kanwa kiwe havamw’ ukumenya n’ugutahura.


Agiripa yishura Paulo, at’ Unkwegesha ivyo bike ng’ umpindure Umukristo?


Akirikw aravuga ivy’ ukugororoka n’ivy’ ukwirinda n’ivy’ amateka azocibga, Feliki aranduka umutima, aramubarira, at’ Ubu ni wīgīre, ni naronka uburyo bgiza nzogutumako.


Bose buzuzwa Mpwemu Yera, batangura kuvuga izindi ndimi, uko Mpwemu abahaye kuzivuga.


Kur’ uwo musi nzomereza ab’ inzu ya Isirayeli ihembe; nawe nzoguha guteranurira akanwa hagati muri bo; maze bazomenya yuko nd’ Uhoraho.


Ariko muzoshengezwa n’abavyeyi banyu na bo, na bene nyoko n’incuti n’abakunzi, bamwe muri mwebge bazobicisha.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite