Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 21:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Maz’ arababgira, at’ Ihanga rizotera irindi hanga, n’ubgami buzotera ubundi bgami.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Yongera ababwira ati: “Ihanga rizotera irindi hanga, ubwami butere ubundi bwami.

Gade chapit la Kopi




Luka 21:10
12 Referans Kwoze  

Kukw ihanga rizotera irindi hanga, n’ubgami buzotera ubundi bgami, isi izonyiganyiga henshi, amapfa azotera. Ivyo n’itanguriro ryo kuramukwa.


Iryo jambo, ngo Hasigaye rimwe, ryerekana gukūrwaho kw’ibinyiganyizwa, kukw ar’ ivyaremwe, kugira ngw ibitoshobora kunyiganyizwa bigumeho.


Kur’ uwo musi Uhoraho azobaca umuhongo w’akaburarugero; maz’ umuntu wese asūmire ukuboko mugenzi we, abangure ukuboko arwane na mugenzi we.


Nzoteranya Abanyegiputa bisubiraniremwo: umuntu wese azorwana n’uwo bavukana, umuntu wese arwane n’umubanyi wiwe, igisagara kirwane n’ikindi, ubgami burwane n’ubundi.


Hava hasi umwe muri bo yitwa Agabo, abamenyesha avugishijwe na Mpwemu yukw ikigoyi cinshi kizotera mw isi yose. Ico yavuga ni kimwe cātera ku ngoma ya Kilawudiyo.


Kandi ni mwumva intambara n’imivurungano, ntimuze mucike ivutu; kukw ivyo bitazobura kubanza kubaho, arik’ umuhero ntuzoca ushika.


Kand’ isi izonyiganyiga cane henshi, kandi hamwe‐hamwe hazotera amapfa, hatere n’ikīza, habeho n’ibiteye ubgoba n’ibimenyetso bihambaye biva mw ijuru.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite