Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 21:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Yunamura amaso, abona abatunzi bashikana, baterera amashikanwa yabo mu masandugu y’amahera.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Yesu akiri mu rusengero, yunamura amaso abona abatunzi bashize amashikanwa yabo mu co bayatorezamwo.

Gade chapit la Kopi




Luka 21:1
12 Referans Kwoze  

Ayo majambo yayavugiye mw iyakīriro ry’amashikanwa, arikw arigisha mu rusengero; kandi nta n’umwe yamufashe, kukw igihe ciwe kitaribgashike.


Abaherezi bakuru bāndūra zino feza, bati Ntizemerwa gushirwa mu mashikanwa, kukw ar’ ibiguze amaraso.


Kand’ ibintu vyose vyo mu ngoro y’Imana, ibito‐bito n’ibinini‐binini, bo n’ivy’ ubutunzi vyo mur’ iyo ngoro nyene y’Uhoraho, n’ivy’ ubutunzi vy’umwami n’ivy’ abaganwa biwe, ivyo vyose abijana i Babuloni.


Nshirah’ abazezwabintu vyo mu bubīko, ni bo b’aba: Shelemiya umuherezi, na Sadoki umunyabgenge w’ivyanditswe, na Pedaya wo mu Balewi; hakurikirako Hanani mwene Zakuri, Zakuri wa Mataniya, kukw abo bari bazwi kw ar’ abizigirwa; kand’ igikorwa cabo kwar’ ukugaburira bagenzi babo.


Asahura ibitunzwe vyose mu ngoro y’Uhoraho, bo n’ivyo mu ngoro y’umwami, amenagura n’ ibintu vyose vy’imbombovu vy’ izahabu vyari mu rusengero rw’ Uhoraho, ivyo Salomo umwami w’Abisirayeli yari yaracurishije, nk’uk’ Uhoraho yavuze.


Arikw amafeza yose n’amazahabu n’ibintu vyose vyo mu miringa n’ivyo mu vyuma bibaye ivyera vy’Uhoraho: bizoja mu bushinguro bgiwe.


asahura ivy’ ubutunzi vyari bibītswe mu ngoro y’Uhoraho n’ivyo mu ngoro y’umwami, arabijana vyose, ajana n’inkinzo zose z’amazahabu Salomo yari yaracurishije.


Igisagara bagitōngōza umuriro, n’ivyari muri co vyose; arikw amafeza n’amazahabu n’ibintu vyo mu miringa n’ivyo mu vyuma, ni vyo bashize mu bushinguro bgo mu ngoro y’Uhoraho.


Maz’ umuherezi Yehoyada yābīra isandugu, ayitobora umwenge mu mutemere, ayitereka i ruhande y’igicaniro, ku ruhande rw’i buryo umuntu aja kwinjira mu ngoro y’Uhoraho; nukw abaherezi barinda umuryango bakagenda barokezamw’ amahera yose azanwa mu ngoro y’Uhoraho.


Barya ingo z’abapfakazi, kandi basengesha menshi bahūmba; abo bazocirwa urubanza ruruta izindi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite