7 Bamwishura yuko batazi aho kwavuye.
7 Nuko baramwishura bati: “Ntituzi uwabumuhaye.”
irya mbere mukwiye kumenya n’uko mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi bacokorana, bakurikira ukwifuza kwabo,
Yesu aravuga, ati Naje mur’ iyi si kuba agahinyuza, ngw abatabona babone, n’ababona babe impumyi.
Azobona ibara, uwo mwungere w’imburakimazi ata umukuku! Inkota izomukubita ku kuboko, no ku jisho ry’i buryo: ukuboko kwiwe kuzonyunyuka rwose, kand’ ijisho ryiwe ry’i buryo rizohuma agahenebere.
Nuk’ Uhoraho arambgira, ati Subira wābīre ibiragizwa vy’ umwungere mubi.
Nta co bazi, kandi nta co biyumvira, kukw amaso yabo yahumye ngo ntibashobore kubona, n’imitima yabo ngo ntibashobore gutahura.
Naritegereje, mbona ata wuriho; muri bo ubgabo nta n’ umujanama ariho yoshobora kunyishura n’ijambo na rimwe mbabajije.
Nuko rero ngira nkore igikorwa c’igitangaza mur’ aba bantu, mbere n’igikorwa gitangaje c’akumiza: ubgenge bg’abanyabgenge babo buzoherengetera, n’ ubuhanga bg’abahanga babo buzokamangana.
Uhoraho, umanitse ukuboko, yamara ntibabibona; ariko bazobona umwete ugirira abantu, bamāramāre; mber’ umuriro uzorigata abansi bawe.
Ariko ni twavuga tuti Ni mu bantu, abantu bose baradutera amabuye, kuko bemeye badakekeranya yuko Yohana yavugishwa n’Imana.
Yesu arababgira, ati Nuko rero nanje simbabgira ububasha bunkoresha ivyo.