Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 20:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ariko ni twavuga tuti Ni mu bantu, abantu bose baradutera amabuye, kuko bemeye badakekeranya yuko Yohana yavugishwa n’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Nitwavuga tuti: ‘Wavuye ku bantu,’ abantu bose baradutera amabuye kuko baremera ata gukekeranya ko Yohana yari uwuvugishwa n’Imana.”

Gade chapit la Kopi




Luka 20:6
13 Referans Kwoze  

Kandi ni twavuga tuti Ni mu bantu; n’uko dutinya ishengero, kuko bose bavuga yuko Yohana yar’ ūvugishwa n’Imana.


Ariko mwajanywe n’iki? Mbega kwar’ ukurāba umuntu avugishwa n’Imana? Ego me ni co; kandi ndababgire, Aruta ūvugishwa n’Imana cane.


Maz’ uwo mukuru w’abashibamyi ajana n’abagendanyi, babazana ku neza, kuko bātinya abantu, ngo ntibabatere amabuye.


Benshi baza kuri we; baravuga, bati Yohana nta kimenyetso yakoze, arikw ivyo Yohana yavuze vyose kur’ uyu vyar’ ivy’ ukuri.


Kandi nawe, mwana, uzokwitwa umuntu avugishwa n’Īsumba vyose, Kuk’ uzokwītangira imbere y’Umwami Imana gutegūra inzira ziwe:


Barondera ingene bomufata, batinya abantu: kuko bamenye yukw ari bo yaciyek’ uwo mugani; bamusiga hano, baragenda.


Ariko, bati Ntitumufate mu misi mikuru, hoye kuvyuka umugūmūko mu bantu.


Barondeye ingene bomufata, batinya abantu, kuko bamwiyumvira kw ar’ ūvugishwa n’Imana.


Agomba kumwica, arikw atinya abantu, kuko bāmwiyumvira kw ar’ umuntu avugishwa n’Imana.


arikw Abafarisayo n’abigisha ivyagezwe bībujije inama z’Imana, kuko batābatijwe na we.


Bībūranya muri bo, bati Ni twavuga tuti Ni mw ijuru; ahava atubaza, ati N’iki cababujije kumwemera?


Bamwishura yuko batazi aho kwavuye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite