Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 20:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Bībūranya muri bo, bati Ni twavuga tuti Ni mw ijuru; ahava atubaza, ati N’iki cababujije kumwemera?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Baravugana hagati yabo bati: “Nitwavuga tuti: ‘Wavuye ku Mana yo mw’ijuru,’ ahava atubaza ati: ‘None ni kuki mutizeye ivyo Yohana yavuze?’

Gade chapit la Kopi




Luka 20:5
11 Referans Kwoze  

Ariko Yohana arikw arasozera urugendo rwiwe, arababaza, ati Mbega mwiyumvira ko ndi nde? Jewe sindi we. Mugabo har’ ūzoza mu nyuma yanje, kandi jewe ntibimbereye no gupfundurura inkweto zo mu birenge vyiwe.


Uwizeye Umwana arafise ubugingo budashira, arik’ ūtumvira Umwana ntazobona ubugingo, arik’ uburake bg’Imana buguma kuri we.


Baza aho Yohana ari, baramubgira, bati Mwigisha, uwo mwari kumwe hakurya ya Yorodani, umwe washingira intahe, erega na we arikw arabatiza, kandi bose baza kuri we.


Nanje narabibonye, narabishingiye intahe yuk’ uyo ar’ Umwana w’Imana.


Uyo ni we navuze, nt’ Inyuma yanje hazoza umuntu yar’ uw’ imbere kuri jewe, kuko yariho ntarabaho.


Bībūranya bati Ntitwatekeye imitsima.


Non’ ukubatiza kwa Yohana kwaturutse hehe? Ni mw ijuru, canke ni mu bantu? Bībūranya muri bo, bati Ni twavuga tuti Ni mw ijuru; ahava atubaza, ati N’iki cababujije kumwemera?


non’ ukubatiza kwa Yohana kwāturutse mw ijuru, canke se mu bantu?


Ariko ni twavuga tuti Ni mu bantu, abantu bose baradutera amabuye, kuko bemeye badakekeranya yuko Yohana yavugishwa n’Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite