Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 20:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Azoza yice rubi abo barimyi, uruzabibu arusigarane abandi. Bavyumvise baravuga, bati Biragahera.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Azoza yice abo barimyi, maze urwo ruzabibu aruzeze abandi.” Abantu bavyumvise, baca bavuga bati: “Ivyo ntibikabe.”

Gade chapit la Kopi




Luka 20:16
24 Referans Kwoze  

Arikw abo bansi banje batākunze ko mbaganza ni mubazane hano, mubīcire imbere yanje.


Paulo na Barunaba bavuga bashize amanga, bati Vyari bibereye kw ijambo ry’Imana ribanza kubgirwa mwebge; none ko murishibuye, mukībūra ko mutabereye ubugingo budashira, ehe‐e duhindukiriye abanyamahanga.


Baramwishura, bat’ Abo babi azobica rubi, uruzabibu arusigarane abandi barimyi, bazohora bamuha inzabibu igihe cazo.


Uwo mwami araraka, agomora ingabo ziwe, ahonnya abo bicanyi, ayigiza igisagara cabo.


Nukw igihe c’iyera kigomba kugera, atuma abakozi biwe kuri ba barimyi ngo babahe inzabibu ziwe.


None nyen’ uruzabibu azogenza ate? Abo barimyi azoza abice rubi, uruzabibu arusigarane abandi.


Bamuhindira inyuma y’uruzabibu, baramwica. None nyen’ uruzabibu azobagira ate?


Biragahera: arikw Imana iboneke kw ar’ inyakuri, n’iy’umuntu wese yoba ar’ umubeshi: nk’uko handitswe, ngo Kugira ngo mu majambo yawe uboneke k’ugororotse, Kand’ utsinde ni washika mu rukinja.


Eka na mba! Iyo biba birtyo, Imana yociriye abari mw isi urubanza ite?


Mbega non’ ivyagezwe tubihinduza ubusa ukwizera? Eka na mba: ushime turabigumisha.


Biragahera. Twebge twapfuye ku caha, twoba tukikibamwo dute?


Nuko tugire dute? Mbega dukore ivyaha, kuko tutaganzwa n’ivyagezwe, ariko tuganzwa n’ubuntu? Biragahera.


Nuko tuvuge iki? Mbeg’ ivyagezwe n’icaha? Eka na mba. Ariko simba naramenye icaha, iyo ntakimenyeshwa n’ivyagezwe; kuko ntaba naramenye ukwifuza, iy’ ivyagezwe bitavuga ngo Ntukifuze.


Mbeg’ iciza cambereye urupfu? Eka na mba! Arikw icaha ni co cārubaye, ngo kimenyekane kw ar’ icaha, kuko canyicishije iciza, ngw icagezwe gitume icaha kirushiriza kuba kibi.


Nuko tuvuge iki? Mbeg’ Imana iragabitanya? Eka na mba!


Nuko ndabaza: Mbeg’ Imana yaciye abantu bayo? Eka na mba! Kuko nanje nd’ Umwisirayeli, wo mu ruvyaro rwa Aburahamu, wo mu muryango wa Benyamini.


Nuko ndabaza: Mbega bātsitariye kugwa mahera? Eka na mba! Yamar’ ukugwa kwabo kwāzaniye abanyamahanga agakiza, ngo bitere Abisirayeli ishari.


Ntimuzi yukw imibiri yanyu ar’ ingingo za Kristo? None ntore ingingo za Kristo, ndazihindure ingingo z’umusambanyikazi? Biragahera.


Ariko namba twabonetse ko tur’ abanyavyaha, hamwe twarondera gutsindanishirizwa no kuba muri Kristo, mbega Kristo n’umukozi agabura icaha? Eka na mba!


Mbeg’ ivyagezwe birwanya amasezerano y’Imana? Eka na mba! Iyo haba harih’ ivyagezwe vyashinzwe bishobora kubeshah’ abantu, n’ukuri ukugororoka kuba kwarazanywe n’ivyagezwe.


Ariko jeho sinkirate ikindi, atar’ umusaraba w’Umwami wacu Yesu Kristo, watumye isi imbera ikibambge, nanje isi nkayibera ikibambge.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite