Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 20:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Igihe c’iyera kigeze, atuma umukozi kuri ba barimyi, ngo bamwamurire inzabibu z’uruzabibu: abo barimyi baramushishagura, bamurungika gusa.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Iyimbura rigeze, atuma umukozi wiwe kuri ba barimyi kugira ngo bamuhe igice c’umwimbu w’inzabibu kimwegukira. Ariko ba barimyi bafata uwo mukozi baramukubita, bamurungika iminwe misa.

Gade chapit la Kopi




Luka 20:10
32 Referans Kwoze  

Ariko ntibakwumviye, barakugarariza, bashiburira ivyagezwe vyawe inyuma yabo, bica abavugishwa nawe bāhora babahanura ngo babasubize kuri wewe, bakora ivyo kukuratsa bikomeye.


None rero namwe, bene Data, gukoranywa n’umubiri wa Kristo kwatumye mucika abapfuye ku vyagezwe, kugira ngo mwābīrwe n’uwundi, ni we yazutse mu bapfuye, twamire Imana imbuto.


Si mwebge mwantoranije, ariko ni jewe nabatoranije, nabashizeho kugira ngo mugende murāma imbuto, kandi ngw imbuto zanyu zigumeho, kugira ngw ico muzosaba Data cose mw izina ryanje, akibahe.


Ewe Yerusalemu, ewe Yerusalemu, wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko! Ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda.


Kandi nabatumyekw abasavyi banje bose abo navugisha, nama nzindurwa no kubatuma, nt’ Enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi, mutunganye ibikorwa vyanyu, mwoye gukurikira izindi mana ngo muzigendanire; nti Ni ho muzobona kwibera mu gihugu nabahaye, mwe na ba sogokuruza: ariko ntimwateze ugutwi, canke ngo munyumvire.


aca aramukubita, amushira mu mpatane z’ibiti vyari ku kirimba gihera haruguru citwa ica Benyamini, kirora ku ngoro y’ Uhoraho.


Nta ho bīvuganya mu mitima, bat’ Enda twubahe Uhoraho Imana yacu, ni yo iduha imvura y’agatāsi n’iy’ urushana, nk’ukw ibihe bihaye ibindi; ni yo itugerera amayinga yashinzwe yo kwimburiramwo.


Nakubise abo mu gihugu canyu, ariko nigoreye ubusa; banse guhaha; inkota zanyu ubganyu zāriritse ba kamenyi banyu nk’intambge itikiza.


Azoba nk’igiti gitewe hafi y’ imigezi y’amazi, Cama igihe caco, Ibibabi vyaco ntivyuma: Ic’ azokora cose kizomubera ko.


Wamaze imyaka myinshi ubihanganira, watumye Mpwemu wawe kubahanura, avugiye mu bavugishwa bawe, ariko banka kwumva; ni co catumye ubagabura mu maboko y’abanyamahanga bo mu bindi bihugu.


Maze Asa ashavurira kamenyi uwo, amushira mw ibohero mu mpatane z’ibiti, kukw iryo jambo ryamuteye kumugirira ubushangashirwe. Ico gihe Asa yagenda acuranguza abantu bamwe‐bamwe.


Yamar’ Uhoraho yama abūrira Abisirayeli n’Abayuda, abicishije mu bo yavugisha bose no muri ba kamenyi bose, ati Ni muhindukire, mureke ingeso zanyu mbi, mwitondere amabgirizwa yanje n’amateka yanje, nk’ ukw ivyagezwe vyose biri, ivyo nageze ba sogokuruza banyu, nkagenda ndabibabarira, ndabicishije mu basavyi banje navugisha.


Maze Zedekiya mwene Kenayana yēgēra Mikaya amukubita urushi, aramubaza, at’ Iyo mpwemu y’Uhoraho yaciye hehe mu kuva muri jewe iza kuvugana nawe?


Atangura gucira abantu uyu mugani, ati Hābaye umuntu yateye uruzabibu, arusigarana abarimyi, aja mu mahanga, amaray’ igihe kirekire.


Yongera gutuma uwundi mukozi; uwo na we baramushishagura, baramutetereza, bamurungika gusa.


Nuko Hanuni afata abo bantu ba Dawidi, abamwa ubganwa, akeba impuzu zabo ahereye hagati ku kibuno, araheza arabarungika.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite