Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 2:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Avyara umuhungu w’uburiza, amuzingirakw impuzu y’uruyoya, amuryamika mu bgato bg’inka, kuko bāri babuze umwanya mu ndāro.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 maze avyara umwana wiwe w’imfura, amuzingira mu mpuzu z’uruyoya, aca amuryamika mu bwato inka ziriramwo, kuko bari babuze ikibanza mu nzu y’ingenzi.

Gade chapit la Kopi




Luka 2:7
16 Referans Kwoze  

Maz’ igihe gikwiye gishitse, Imana ituma Umwana wayo, yavyawe n’umugore, kandi yavutse aganzwa n’ivyagezwe,


Kand’ uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri.


Kuko muzi ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo, yuko naho yar’ umutunzi, yahindutse umworo kubganyu, kugira ng’ubgoro bgiwe bubatungishe.


Kandi ntiyigera amwēgēra gushitsa aho yavyariye umwana w’umuhungu; araheza amwita YESU.


Yesu aramubgira, at’ Imbgebge ziri n’imyobo, n’ibiguruka mu kirēre biri n’ivyari; arik’ Umwana w’umuntu we ntagira ah’ arambika umusaya.


Ni co gitumye Uhoraho ubgiwe ari we agira abīhēre ikimenyamenya: Rāba, inkumi izosama inda, ivyare umwana w’umuhungu, izomwita Imanuweli.


Mbega si wa mwana w’umubāji? Nyina ntiyitwa Mariya, kand’ abavukana na we si Yakobo na Yosefu na Simoni na Yuda?


Ariko jeho nd’umusiba, sind’ umuntu: Ndi ruvumwa mu bantu, nkēngērwa na bose.


aramwēgēra, amupfuka inguma, amusomōza amavuta ya elayo na vino, amushira ku ndogoba yiwe, amujana mu ndāro y’abahita, aramurwaza.


Maze Mose akiri mu rugendo, ari ku ndaro, Uhoraho amusangaho, ashaka kumwica.


Maz’ aho barāye, umwe muri bo ahamburuye igunira ryiwe ngw agaburire indogoba yiwe, abona ya mahera yiwe, ari mu munwa w’igunira.


hanyuma rero dutāhūtse, dushitse ku ndāro, dutekurura amagunira yacu, maz’ umuntu wese asanga amahera yiwe ari mu munwa w’ igunira ryiwe, amahera yacu uko yakanganye kwose: none turayagarukanye.


Bakiriyo, igihe ciwe co kuvyara kirashika.


Mur’ iyo ntāra hār’ abungere bārāra mu gahinga barāririye umukuku w’intungwa zabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite