Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 2:41 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Kand’ uk’ umwaka utashe, abavyeyi biwe bāja i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 Uko umwaka utashe, abavyeyi ba Yesu bama baja i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika.

Gade chapit la Kopi




Luka 2:41
18 Referans Kwoze  

Ariko muze mubirīre imbere y’Uhoraho Imana yanyu aho hantu azoba yātoranije, mubisangire n’abahungu banyu n’abakobga banyu n’abagurano banyu n’abaguranokazi banyu, n’Abalewi baba muri mwebge; muze munezererwe ibikorwa vyose mwakoze, ngaho nyene imbere y’Uhoraho Imana yanyu.


Kandi Pasika y’Abayuda yari hafi; Yesu adūga i Yerusalemu.


Maz’ uwo mugabo Elukana akora abo mu rugo rwiwe bose aradūga, aja gushikanira Uhoraho ikimazi c’uwo mwaka no gushitsa amasezerano yiwe.


Uwo muntu yama ava mu gisagara c’i wabo uk’ umwaka utashe, akadūga i Shilo gusenga no gushikanira Uhoraho Nyen’ ingabo ibimazi. Kandi bene Eli bompi, Hofuni na Finehasi, bār’ abaherezi b’Uhoraho aho hantu.


Haze harenguke izinamuhungu wese imbere y’Uhoraho Imana yanyu gatatu‐gatatu mu mwaka, barenguke ha hantu azoba yātoranije. Baze mu misi mikuru y’imitsima itambiwe, no ku musi ukurikira ya masabato ndwi, no mu misi mikuru y’insāgo; ariko ntibaze barenguke imbere y’ Uhoraho iminwe misa.


maz’ ahantu Uhoraho Imana yanyu azotoranya ngw ahashire izina ryiwe ngo rihabe, az’ abe ari ho mujana ivyo mbagera vyose; ibimazi vyanyu vyo kwoswa, n’ ibimazi vyanyu bindi, n’ibigiracumi vyanyu mutanga, n’amashikanwa yanyu mumugereye, n’ ivy’ indobanurwa vyo gushitsa amasezerano mwasezeraniye Uhoraho;


Mu kwezi kwa mbere, ku musi ugira icumi na kane wakwo, haze hame haba Pasika yanje, jewe Uhoraho.


mu kwezi kwa mbere, ku musi wakwo w’icumi na kane ku mugoroba, haze hame haba Pasika yanje Uhoraho.


Haze harenguke uwitwa umuhungu wese imbere yanje, jewe Umwami Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, gatatu‐gatatu mu mwaka.


Kand’ uwo musi uz’ ubabere umusi w’icibutso, muze muwugire umusi mukuru wanje Uhoraho: ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, muze mwame muwugira mukuru, kibe icagezwe c’intahava.


Umusi wa Pasika utarashika, Yesu amenye kw igihe ciwe gishitse co kuva mw isi ngw aje kwa Se, uko yakunda abiwe bari mw isi, ni ko yabakunze gushitsa ku muhero.


Maze Pasika y’Abayuda yarikw irashika, benshi bava mu misozi, badūga i Yerusalemu, Pasika itarashika, ngo bihumanure.


Kandi Pasika, imisi mikuru y’Abayuda, yari hafi.


Uku abe ari ko muzozirya: muze muzirye mukenyeye, mwambaye inkweto, mufashe inkoni mu minwe; muze muzirye vuba na vuba: iyo ni yo Pasika yanje, jewe Uhoraho.


Nukw amaze imyaka cumi n’ibiri avutse, baradūga, nk’uk’ umugenzo w’iyo misi mikuru war’ uri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite