Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 2:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Yosefu na we ava i Galilaya mu gisagara c’i Nazareti, aja i Yudaya mu gisagara ca Dawidi, citwa Betelehemu, kuko yakomotse mu nzu ya Dawidi mu muryango wiwe:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Yosefu na we nyene ava i Nazareti, igisagara c’i Galilaya, aduga i Yudaya mu gisagara ca Dawidi citwa Betelehemu, kuko yakomoka mu muryango wa Dawidi.

Gade chapit la Kopi




Luka 2:4
24 Referans Kwoze  

Ariko wewe, Betelehemu Efurata, nah’ ur’ inkehwa mu bihumbi vy’i Buyuda, muri wewe hazomviramw’ ūzoba segaba mu Bisirayeli; amamo yiwe yahereye kera hose, ibihe n’ibindi.


Mbeg’ icanditswe ntikivuga ko Kristo azova mu ruvyaro rwa Dawidi, i Betelehemu, wa musozi Dawidi yabako?


Maz’ Uhoraho abaza Samweli, at’ Uzogeza hehe kuririra Sauli, kandi namaze kwanka kw aba umwami w’Abisirayeli? Uzuza ihembe ryawe amavuta, uheze uze ngutume kuri Isayi w’i Betelehemu, kuko nironkeye umwami mu bahungu biwe.


Aja i Nazareti, iyo yakuriye; ku musi w’isabato yinjira mw isinagogi, nk’uko yamenyereye, ava hasi ngw asome.


Ashitseyo, agerēra mu gisagara citwa Nazareti, ngw ivyavuzwe n’abāvugishwa n’Imana bishike, ngw Azokwitwa Umunyanazareti.


maze so ni yaramuka andāvye akambura, uz’ uheze uvuge, uti Dawidi yaranyinginze ngo ndamurekure anyanyase, akubite i wabo i Betelehemu, ngo Kukw igihe co gutangira umuryango wose ikimazi c’umwaka kigeze.


Abagore b’ababanyi biwe bamwita izina, bati Nawomi avyariwe umuhungu. Bamwita Obedi, ni we se wa Isayi, se wa Dawidi.


Nukw abantu bose bāri kw irembo n’abashingantahe baramwishura, bati Tur’ ivyabona vy’ ivyo. Uwo mugore aje mu nzu yawe, Uhoraho amuhwanye na Rakeli na Leya, ari bo bompi bāshinze inzu ya Isirayeli: nawe uragasagamba muri Efurata, ube rurangiranwa i Betelehemu:


Bowazi araza, avuye i Betelehemu, abgira abagenyi, at’ Uhoraho abane namwe. Na bo baramwishura, bat’ Uhoraho aguhe umugisha.


Natanayeli aramubaza, ati Mbeg’ i Nazareti hova iciza? Filipo aramubgira, ati N’uze urābe.


Sauli aramubaza, ati Harya uri mwene nde, ga wa muhungu? Dawidi aramwishura, ati Nd’ umwana w’umusavyi wawe Isayi w’i Betelehemu.


Kandi Dawidi yar’ umwana wa wa Munyefurata w’i Betelehemu h’i Buyuda yitwa Isayi; Isayi yar’ afise abahungu munani; kand’ igihe Sauli yīma Isayi yar’ ashitse mu zabukuru.


Nuko Samweli agenza nk’uk’ Uhoraho yamubgiye, aja i Betelehemu. Ashitseyo, abakuru b’igisagara baza kumusanganira, bahinda agashitsi. Baramubaza, bati Mbeg’ ugenzwa n’amahoro?


Nuko bompi barajana kurinda bashika i Betelehemu. Nuko rero bashitse i Betelehemu abo mu gisagara bose barashwabāduka, abagore barabazanya, bati Mbeg’ uyo yoba Nawomi?


Kand’ igihe nava i Padani nabonye amagorwa, Rakeli arapfa, turi mu rugendo mu gihugu c’i Kanani, twari dushigaje akarere tugashika muri Efurata; ndamuhamba ku nzira ija muri Efurata, ari ho Betelehemu.


Nuko Rakeli arapfa, bamuhamba ku nzira ija muri Efurata, ari ho Betelehemu.


Akivyiyumvira, umumarayika w’Umwami Imana amwiyerekera mu nzozi, aramubarira, ati Yosefu, mwana wa Dawidi, ntutinye kurongora Mariya umugeni wawe, kukw atwaye inda ya Mpwemu Yera.


Bose baja kwiyandikisha, umuntu wese aja mu gisagara cabo.


aja kwiyandikishanya na Mariya uwo yakoye, yar’ akuriwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite