Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 2:36 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 Kandi hāriho Ana, uwavugishwa n’Imana, umukobga wa Fanuweli, wo mu muryango wa Asheri, yar’ umutāmakazi wa kera, yabanye n’umugabo wiwe imyaka ndwi, uhereye ku kurongorwa kwiwe,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

36 Kandi hariho n’uwavugishwa n’Imana yitwa Hana, mwene Fanuweli, wo mu muryango wa Asheri, yari ashaje cane. Yabanye n’umugabo wiwe imyaka indwi gusa,

Gade chapit la Kopi




Luka 2:36
18 Referans Kwoze  

Uwo yar’ afise abakobga bane b’inkumi, bāvugishwa n’Imana.


Kandi Miriyamu yavugishwa n’Imana, mushiki wa Aroni, ahitana agashāko k’ingoma; abagore bose barasohoka, baramukurikira bari n’udushāko tw’ingoma, bagenda baravyina;


Bene Data, ivy’ ingabire za Mpwemu, singomba ko mutabimenya.


Mbere n’abagurano banje b’abahungu n’abakobga mur’ iyo misi Nzobasukako Mpwemu wanje, bavugishwe nanje.


No mu busāza bazoba bacāma; Bazogira ubukame bginshi n’itōto:


Uzoja mu mva wīsāziye neza, Nk’ikinyankinda bazana igihe kigeze.


Nuko Hilukiya umuherezi na Ahikamu na Akibori na Shafani na Asaya baragenda, baja k’ūvugishwa n’Imana Hulida muka Shalumu, Shalumu mwene Tikuva umwuzukuru wa Haluhasi, yajejwe ububīko bg’imyambaro, baramusiguza. Kand’ uwo mugore yaba i Yerusalemu mu gice caho ca kabiri.


Ico gihe Debora, uwavugishwa n’Imana, muka Lapidoti, ni we yar’ umucamanza w’Abisirayeli.


Leya aravuga, ati Ndahiriwe! Kukw abandi bagore bazonyita umuhirwa: amwita Asheri.


Abo mu muryango wa Asheri n’ibihumbi cumi na bibiri: Abo mu muryango wa Nafutali n’ibihumbi cumi na bibiri: Abo mu muryango wa Manase n’ibihumbi cumi na bibiri:


Ubupfindo bga gatanu bushika ku muryango w’Abasheri, nk’ukw amazu yabo ari.


Yar’ afise abagore babiri, umwe yitwa Hana, uwundi Penina; Penina ni we yavyara, ariko Hana yar’ ingumba.


Nuko nawe, mwana w’umuntu, tungīra ijisho abakobga b’ ubgoko bganyu, bavuga ibiva mu mitima yabo ubgabo; ubabūrire,


kandi nawe inkota izogucumita mu mutima, ngw ivyiyumviro vy’imitima myinshi bize biserurwe.


Ako kanya aca araza, ashima Imana, avuga ivya Yesu, abibgira abāri barorereye ugucungurwa kw’i Yerusalemu bose.


Arik’ umugore wese iy’ asenga cank’ avugishwa n’Imana, adatwikiriye umutwe, aba awuteye isoni: kukw ari bimwe rwose no kumobga.


Nuk’ umuzezwashengero akwiye kutabak’ umugayo, kand’ akwiye kuba umugabo afise umugore umwe gusa; abe ūtarenza urugero, adahugumba, aganza ingeso ziwe, akunda gutanga indāro, afise ubgenge bgo kwigisha,


Ntihakagire umupfakazi yandikirwa gufashwa ataramara imyaka mirongwitandatu y’amavuka, kandi handikwe uwar’ afiswe n’umugabo umwe gusa,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite