Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 2:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 zit’ Icubahiro ni kibe ku Mana ahasumba ijuru, No mw isi amahoro abe mu b’inezererwa.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 “Icubahiro kibe ic’Imana mw’ijuru riri hejuru y’ayandi, kw’isi na ho amahoro abe mu bantu bayihimbara.”

Gade chapit la Kopi




Luka 2:14
36 Referans Kwoze  

None rero, ko twatsindanishirijwe no kwizera, dufise amahoro ku Mana kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo,


bati Hashemezwe Umwami, aje mw izina ry’Uhoraho, Amahoro abe mw ijuru, Icubahiro kibe ahasumba ijuru.


kandi yahimbawe no kumuha kwuzuza vyose na yo, ar’ ivyo mw isi, ar’ ivyo mw ijuru, izanishije impore amaraso yo ku musaraba wiwe.


Ng’utambikire abicaye mu mwiza no mu gitūtu c’urupfu, Urōngōrere ibirenge vyacu mu nzira y’amahoro.


Kand’ icaremwe cose co mw ijuru no mw isi n’i kuzimu no hejuru y’ikiyaga n’ibiri muri vyo vyose, numva bivuga, bit’ Īvyagiye ku ntebe bo n’Umwagazi w’Intama, umugisha ube uwabo n’icubahiro no guhimbazwa n’ububasha, ibihe bitazoshira.


Ni jewe ndema ishimwe riva mu minwa. Amahoro, amahoro abe k’ūri kure no k’ūri hafi, nanje nzomukiza, ni k’Uhoraho agize.


Ijambo Imana yatumye ku Bisirayeli, ivugisha Yesu Kristo ubutumwa bgiza bg’amahoro, ni we Mwami wa bose;


Nagushimagije mw isi, nnonosoye igikorwa wampaye gukora.


Ariko, Umwami wacu Yesu Kristo ubgiwe, n’Imana Data wa twese, yadukunze, ikaduha kwirurwa imibabaro guhoraho, bo n’ivyizigiro vyiza biheshwa n’ubuntu bgayo,


kand’ indimi zose zize zature yuko Yesu Kristo ar’ Uhoraho, ngo biheshe Imana Data wa twese icubahiro.


Mpwemu Yera aramanuka amugwako, afise ishusho y’umubiri usa n’inuma; ijwi riva mw ijuru, riti Ni wewe Mwana wanje nkunda ukampimbara.


Kand’ ishengero rimugiye imbere n’irimukurikiye rirasemerera, riti Hoziyana, mwana wa Dawidi, hashemezwe ūje mw izina ry’Uhoraho, hoziyana mw ijuru.


Ririmba, mwa majuru; nezerwa wa si we; turika muririmbe, mwa misozi miremire, kuk’ Uhoraho amaze umubabaro abantu biwe, kand’ atewe akagongwe n’abāhahajwe biwe.


itwātiye ibanga ry’ivy’ igomba, nk’uko vyayihimbaye, ibigabiye kera muri we,


kugira ng’ubgiza bg’ubuntu bgayo bushimwe, ubgo yatugabiriye mu wo ikunda.


Muririmbe, mwa majuru, kuk’ Uhoraho abikoze; wa bgina bg’isi usemerere; ni muturike muririmbe, mwa misozi mwe, nawe kibira, n’igiti cose kirimwo: kuk’ Uhoraho yacunguye Yakobo, kand’ azokwihesha icubahiro muri Isirayeli.


Kukw Imana ari yo ikorera mu mitima yanyu, ikabaha gukunda no gukora ibiyihimbara.


kugira ngo mu bihe bizoza ize yerekane itunga rihebuje ry’ubuntu bgayo mu kutugirira neza muri Kristo Yesu.


Arikw Imana, kukw ar’ umutunzi w’ikigongwe, kubg’ urukundo rwayo rwinshi yadukunze,


Amahoro ndayabasigaranye, amahoro yanje ndayabagabiye. Jeho simbagabira nk’ukw ab’ isi bagaba. Imitima yanyu ntihagarare, kandi ntitinye.


Kuk’ urukundo Imana yakunze abari mw isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ ūmwizera wese ntaz’ apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira.


Kand’ uwo muntu azoba amahoro yacu. Umwashuri ni yaza mu gihugu cacu, akadusiribangira ingoro, tuzomugomorera abungere ndwi, n’abaganwa munani.


Uwo mwanya hamwe n’uwo mumarayika haboneka ingabo nyinshi zo mw ijuru, zihimbaza Imana,


Ba bamarayika bahejeje kuva aho bari, basubiye mw ijuru, nya bungere baravugana, bati Ngo rero tuje i Betelehemu, turābe ico kintu cabayeyo, ico Umwami Imana atumenyesheje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite