Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 2:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Iki ni co kimenyamenya canyu, murasanga umwana w’uruyoya azingiriwekw impuzu y’uruyoya, aryamitswe mu bgato bg’inka.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Iki ni co kizobabera ikimenyetso: muzosanga uruyoya ruzingiriweko impuzu, ruryamitswe mu bwato inka ziriramwo.”

Gade chapit la Kopi




Luka 2:12
11 Referans Kwoze  

Ni co gitumye Uhoraho ubgiwe ari we agira abīhēre ikimenyamenya: Rāba, inkumi izosama inda, ivyare umwana w’umuhungu, izomwita Imanuweli.


ati Nyaka ikimenyamenya, jewe Uhoraho Imana yawe, ar’ ic’ i kuzimu cank’ ar’ ico hejuru mw ijuru.


Ariko jeho nd’umusiba, sind’ umuntu: Ndi ruvumwa mu bantu, nkēngērwa na bose.


Hezekiya abaza Yesaya, at’ Ikimenyamenya kizoba iki, cerekana k’Uhoraho azonkiza, kandi ko nzodūga nkaja mu ngoro y’ Uhoraho ku musi ugira gatatu?


Ut’ Ariko weho Hezekiya, iki ni co kizokubera ikimenyamenya: uyu mwaka muzorya ivyimejeje ubgavyo, mu mwaka ugira kabiri muzorya utunagano twavyo, mu mwaka ugira gatatu muze mubibe, mwimbure, mutere inzabibu, muziryeko.


Ngo Kand’ ikizoba ku bahungu bawe bompi, Hofuni na Finehasi, kizokubera ikimenyamenya c’ivyo: bompi bazopfira umusi umwe.


Iramwishura, it’ Erega nzoba ndi kumwe nawe, kand’ iki ni co kizokubera ikimenyamenya kw ari jewe nagutumye: ni wamara gukūra ubgo bgoko muri Egiputa, kur’ uyu musozi nyene ni ho muzonsabira.


Avyara umuhungu w’uburiza, amuzingirakw impuzu y’uruyoya, amuryamika mu bgato bg’inka, kuko bāri babuze umwanya mu ndāro.


Uwo mwanya hamwe n’uwo mumarayika haboneka ingabo nyinshi zo mw ijuru, zihimbaza Imana,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite