Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 2:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mur’ iyo misi icagezwe kiva kwa Kayisari Augusito, ngw abo mw isi bose bandikwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Muri iyo misi, Kayisari Ogusito, umwami w’abami w’Abaroma, asohora itegeko ko haba urusansuma rw’abantu bose baba mu bwami bw’Abaroma.

Gade chapit la Kopi




Luka 2:1
13 Referans Kwoze  

Mu mwaka ugira icumi na gatanu Kayisari Tiberiyo ari ku ngoma, Pontiyo Pilato ar’ icēgēra ciwe i Yudaya, Herode na we ar’ umwami w’i Galilaya, na Filipo mwene se ar’ umwami w’igihugu co muri Ituraya n’i Tirakoniti, na Lusaniya ar’ umwami w’i Abilene,


Kand’ ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’ umuhero uzoca uza.


Ariko Paulo asavye kurindwa kugira ngw az’ acirwe urubanza na Augusito, mvuga kw arindwa gushitsa aho nzomurungikira Kayisari.


Abera bose barabatasha, cane‐cane abo mu rugo kwa Kayisari.


Irya mbere, mwese mbashimiye Imana yanje muri Yesu Kristo, kukw inkuru y’ukwizera kwanyu ikwiye mw isi yose.


Hava hasi umwe muri bo yitwa Agabo, abamenyesha avugishijwe na Mpwemu yukw ikigoyi cinshi kizotera mw isi yose. Ico yavuga ni kimwe cātera ku ngoma ya Kilawudiyo.


Nuko namba naragabitanije, canke narakoze ibikwiye kunyicisha, sinanka gupfa: ariko namb’ ivyo aba bandega atari ko biri, nta muntu ashobora kubampa. Nzokwitwara kuri Kayisari.


Arababarira, ati Mugende muje mu bihugu vyose, mubgire abāremwe bose ubutumwa bgiza.


Ndababgire ukuri: Ah’ ubutumwa bgiza buzovugwa hose mw isi yose, n’ico uyu akoze kizovugwa, kibe icibutso ciwe.


non’ utubgire, wiyumvira ute? Biremerwa gutanga ikori rya Kayisari, canke ntivyemerwa?


Bose baja kwiyandikisha, umuntu wese aja mu gisagara cabo.


aja kwiyandikishanya na Mariya uwo yakoye, yar’ akuriwe.


Nuk’ umwami Ahasuwerusi atangisha ikori igihugu cose n’abo mu bizinga vyo mu kiyaga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite