Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 19:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Yesu amuvugako, at’ Uyu musi agakiza gashitse mur’ iyi nzu, kuk’ uyu na we ar’ umwana wa Aburahamu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Yesu aca avuga ati: “Uwu musi agakiza kinjiye muri iyi nzu, kuko uwu na we ni umwana wa Aburahamu.

Gade chapit la Kopi




Luka 19:9
15 Referans Kwoze  

Mumenye rero yukw abīshimiye ukwizera ari bo bana ba Aburahamu.


Non’ uyu, ar’ umukobga wa Aburahamu, yaboshwe na Satani iyo myaka cumi n’umunani yose, ntakwiye kubohorwa iyo ngoyi ku musi w’isabato?


Ni co gituma ivyo vyavuye ku kwizera, ngo bibe ivy’ ubuntu; kugira ngo ku ruvyaro rwa Aburahamu rwose, ivyasezeranywe bize vyame bihamye, atar’ ab’ ivyagezwe gusa, ariko n’ab’ ukwizera kwa Aburahamu, ni we sogokuruza wa twese,


kera nta bantu mwarimwo, ariko noneho mur’ abantu b’Imana; kera ntimwaribgagirirwe imbabazi, ariko noneho mwarazigiriwe.


Ko mur’ aba Kristo, mur’ uruvyaro rwa Aburahamu, mur’ abaragwa nk’uko vyasezeranywe.


kugira ng’umugisha wa Aburahamu ushike ku banyamahanga, bawuheshejwe na Yesu Kristo, kugira ng’ukwizera kuturonkeshe Mpwemu twasezeraniwe.


Nuko mwame imbuto zikwiranye n’ukwihana: kandi ntimutangure kwiyumvira mu mitima, muti Ko dufise Aburahamu, ni we sogokuruza. Ndababgira yukw aya mabuye Imana ishobora kuyavyuramw’ abana ba Aburahamu.


Kukw amaso yanje abonye agakiza kawe,


Kandi har’ ab’ inyuma bazoba ab’ imbere, n’ab’ imbere bazoba ab’ inyuma.


Aratabaza, ati Aburahamu muvyeyi, ngirira ikigongwe, rungika Lazaro, akoze isonga y’urutoke mu mazi, ampfuvye ururimi, kuko nsesererejwe mur’ uru rubeya.


Na we at’ Oyaye, Aburahamu muvyeyi, ariko ni hājayo ūvuye mu bāpfuye, bazokwihana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite