Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 19:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Zakayo arahagarara, abgira Umwami Yesu, ati Rāba Mugenzi, umugabane w’itunga ryanje ngira ndawuhe aboro; kand’ umuntu wese nagunze ndabimurihe kane.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Ariko Zakayo arahaguruka, abarira Umwami Yesu ati: “Mwami, ngira mfate ica kabiri c’ivyo ntunze ndakigaburire aboro, kandi nimba hari uwo nivye, ndabimuriha incuro zine.”

Gade chapit la Kopi




Luka 19:8
22 Referans Kwoze  

non’ az’ amurihe uwo mwana w’intama kane, kuko yakoze ikintu nk’ico, akaba imburakigongwe.


aze yature icaha yakoze, arihe n’ico kintu uko kingana, camukwegeye gutsindwa, kand’ akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco, akirihe uwo yagiriye nabi.


Arikw iy’ afashwe ariha ibihetangabo ndwi; Azokwoza urugo rwiwe rwose.


Mugure ivyo mufise, mutange ibiguzi vyavyo kubg’ ubuntu; mwibarīrire imipfuko idashira, ubutunzi budashira buri mw ijuru, ahatēgērwa n’igisuma, ata n’inyenzi zōnōna:


Nanje ndababgire, Itunga ribi muryironkeshereze incuti, ngo ni ryabura baze babatunge mube muri za ngo zitazoshira.


Ehe ndi hano: ni munyagirize imbere y’Uhoraho n’imbere y’uwo yimikishije amavuta. Mbega har’ uwo nanyaze inka? Canke har’ uwo nanyaze indogoba? Har’ uwo nagunze? Har’ uwo natwaje igitugu? Canke har’ uwo nātse impongano ikampuma amaso? Vuga ndabarihe.


Ariko mutange ibir’ imbere mu gikombe no mu nkōko mubitangishijwe n’ubuntu, kand’ umve, vyose bizobabera ibiziruwe.


Umwami Yesu amubonye amutera akagongwe, aramubarira, ati Nta co urira.


Hahirwa ūbabara umurushwa; Uhoraho azomurokora ku musi w’ivyago.


Ntukāgirize ibinyoma mugenzawe.


uwo munyavyaha agasubiza ingwati nyeneyo, akagarukana ivyo yambuye, akagendera mu vyagezwe bihesha ubugingo, ntagire ivy’ ukugabitanya akora, n’ukuri azobaho, ntazopfa.


Yohana ahamagara babiri mu bigishwa biwe, abatuma ku Mwami Yesu, ati Muti Mbeg’ uri wa wundi akwiye kuza, canke twitege uwundi?


Babibonye, bose baridodomba, bati Ko yinjiye kurārira umuntu w’umunyavyaha!


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite