Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 19:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Babibonye, bose baridodomba, bati Ko yinjiye kurārira umuntu w’umunyavyaha!

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Ababibonye bose batangura kwidodomba bati: “Agiye kurara mu nzu y’umunyavyaha!”

Gade chapit la Kopi




Luka 19:7
11 Referans Kwoze  

Abafarisayo n’abanyabgenge b’ivyanditswe barīdodomba, bat’ Uyo yiyegereza abanyavyaha, agasangira na bo.


Wa Mufarisayo yamuhamagaye abibonye, aribgira, at’ Uyu muntu iy’aba ūvugishwa n’Imana, yari kumenya uyu mugore amukozeko, ukw ari kand’ ukw asa, kw ar’ umunyavyaha.


Umwana w’umuntu yaje arya, anywa, mugira muti Nguyu umukunzi w’inda n’umunoho wa vino, incuti y’abatozakori n’abanyavyaha.


Abafarisayo babibonye, babaza abigishwa biwe, bati N’iki gitumye umwigisha wanyu asangira n’abatozakori n’abanyavyaha?


Abafarisayo n’abanyabgenge b’ivyanditswe bafatanye na bo bidodombera abigishwa ba Yesu, bati N’iki gitumye musangira n’abatozakori n’abanyavyaha?


Bayahawe bidodombera nyen’ uruzabibu,


Yururuka vuba, amwākīrana akanyamuneza.


Zakayo arahagarara, abgira Umwami Yesu, ati Rāba Mugenzi, umugabane w’itunga ryanje ngira ndawuhe aboro; kand’ umuntu wese nagunze ndabimurihe kane.


Na bo arababgira, ati Namwe ni mugende mu ruzabibu, ndabagerera ivyo mukwiranye. Baragenda.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite