Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 19:44 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

44 bakagukekana n’abana bawe bo muri wewe; kandi ntibazogusigariza ibuye na rimwe rigeretse ku rindi, kuk’ utāmenye igihe wagendewemwo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

44 Bazogusambura, bagutikizanye n’ababa muri wewe. Ntibazosigaza ibuye na rimwe rigeretse ku rindi, kuko utigeze umenya igihe Imana yakugendereye.”

Gade chapit la Kopi




Luka 19:44
19 Referans Kwoze  

at’ Ivyo mubona ivyo, mu misi izoza ntihazosigara ibuye rigeretse ku rindi ridasamburiwe hasi.


Yerusalemu hakoze ivyaha birengereje; ni co catumye hahinduka nk’ikintu giteye iseseme: Abāhora bahubaha bose basigaye bahakēngēra, kuko babonye ubgambure bgaho: N’ukuri haraniha, hakarora irya.


mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo, no ku vyo babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bize bitume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye.


at’ Uyu musi iy’ umenya ivy’ amahoro! Ariko none bihishijwe amaso yawe.


at’ Umwami ashimwe, Imana y’Abisirayeli, Kukw igendeye abantu bayo, ikabacungura;


Arababgira, ati Ntimubona ivyo vyose? Ndababgire ukuri: Aha ntihazosigazwa ibuye rigeretse ku rindi, ridasamburiwe hasi.


Amayinga mirongwirindwi agerewe ubgoko bganyu n’igisagara canyu cera, kugira ngw ibicumuro bishire n’ivyaha birangizwe, n’ibigabitanyo bitangirwe impongano, hazanwe ukugororoka kutazoshira, ivyo weretswe n’ivyavugishijwe n’Imana ngo bimatanishwe ishashara idomwemw’ ikimenyetso, ahēra cane harobanuzwe amavuta.


Kubg’ umutima w’imbabazi w’Imana yacu, Ni wo uzotuma umutwenzi utugendera, uvuye mw ijuru,


Yesu aramubaza, at’ Urarāba iyi nyubako ihambaye? Ntihazosigazwa ibuye rigeretse ku rindi, ridasamburiwe hasi.


Nuko ni co gituma Siyoni hazohinduka ubusīze kubganyu, n’i Yerusalemu hahinduke ibirundo vy’amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uhinduke nk’ ikibira kiri ku mpinga y’umusozi.


Hazohirwa ūzofata abana bawe bato Akabahonda ku rutare!


None muzogira mute umusi muzoshikīrwa, no mw irandura rivudutse kure? Muzohungira kuri nde ngw abatabare? Kandi muzobītsa hehe ubutunzi bganyu?


Nzogusagazako ngutangatange impande zose, nzogukikiza ibihome ngute hagati, nzoguta hagati nkurundire ikirundo c’ivu kigukikije.


ntihazoba hakiri n’amasigarira muri bo, kuko nzozana ivyago ku bagabo bo muri Anatoti, ni wo mwaka wo kūzirwa kwabo.


Maz’ ayo mayinga ukw ari mirongwitandatu n’abiri ni yashira, Mesiya azokūrwaho, kandi nta wuzomusubirira mu gishingo. Maze segaba wundi azoza, abantu biwe bazosangangura igisagara n’ahantu hēra; arikw iherezo ryiwe azotembanwa n’umuvo; kand’ intambara zizorinda zishitsa no kw iherezo; ubugesera bgashinzwe ko buzotera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite