Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 19:42 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

42 at’ Uyu musi iy’ umenya ivy’ amahoro! Ariko none bihishijwe amaso yawe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

42 avuga ati: “Ese na we iyo umenya icotuma uronka amahoro uwu musi! Ariko noneho ivyo bihishijwe amaso yawe.

Gade chapit la Kopi




Luka 19:42
35 Referans Kwoze  

Iyo baba abanyabgenge bokwibajije ibi, Bakiyumvira ivy’ iherezo ryabo.


bikivugwa, ng’ Uyu musi aho mwumvira ijwi ryayo, Ntimukomantaze imitima yanyu, nk’uko mwayikomantaje mu gihe co kuratsa.


Iy’ uba warumviye ivyagezwe vyanje, uba waragize amahoro ameze nk’ uruzi, kand’ ukugororoka kwawe kuba kwarabaye nk’imipfunda y’ ikiyaga;


Ijambo Imana yatumye ku Bisirayeli, ivugisha Yesu Kristo ubutumwa bgiza bg’amahoro, ni we Mwami wa bose;


Ni murondere Uhoraho bigishoboka kw abonwa, ni mumwambaze akiri hafi:


Ariko muhanūrane uko bukeye bicitwa uyu musi, ntihagire uwo muri mwebge akomantazwa umutima n’uruhendo rw’icaha.


bakagukekana n’abana bawe bo muri wewe; kandi ntibazogusigariza ibuye na rimwe rigeretse ku rindi, kuk’ utāmenye igihe wagendewemwo.


Paulo na Barunaba bavuga bashize amanga, bati Vyari bibereye kw ijambo ry’Imana ribanza kubgirwa mwebge; none ko murishibuye, mukībūra ko mutabereye ubugingo budashira, ehe‐e duhindukiriye abanyamahanga.


Ubabgire, uti Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, simpimbarwa n’uk’ umunyavyaha apfa, atar’ uko yohindukira, akava mu ngeso ziwe, akabaho: enda ni muhindukire, mugaruke muve mu ngeso zanyu mbi; n’iki gituma mugomba gupfa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?


Nta co bazi, kandi nta co biyumvira, kukw amaso yabo yahumye ngo ntibashobore kubona, n’imitima yabo ngo ntibashobore gutahura.


Nuko, nk’uko Mpwemu Yera avuga, at’ Uyu musi aho mwumvira ijwi ryayo,


Icompa abantu banje bakanyumvira, Icompa Abisirayeli bakagendera mu nzira zanje!


Ni co gituma ūkwubaha wese akwiye kugusengera mu gihe wobonerwamwo: N’ukuri, iy’ amazi asendanishije yamaze iminyika, ntazomushikako.


At’ Icompa bagahorana ben’ uwo mutima, ubatera kunyubaha no kwama bitondera ivyagezwe vyanje vyose, kugira ngo bamererwe neza, bo n’uruvyaro rwabo, ibihe vyose!


Ariko ni mwanka kuvyumva, umutima wanje uzoririra mu mpisho, urizwe n’ubgibone bganyu; amaso yanje azorira cane, acundugute amosozi, kuk’ umukuku w’intama z’Uhoraho unyazwe.


Ashitse hafi, abona igisagara, arakiririra,


Kukw imisi izokuzako, ah’ abansi bawe bazokurundira ikirundo c’ivu kigukikije, na bo ubgabo bakagukikiza, bakakwugariza impande zose,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite