Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 19:41 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Ashitse hafi, abona igisagara, arakiririra,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 Yegereye Yerusalemu, yitegereza igisagara, arakiririra,

Gade chapit la Kopi




Luka 19:41
14 Referans Kwoze  

Ariko jewe ubganje sinanse kuba umwungere nk’uk’ ugomba; sinifuje wa musi w’ivyago, nawe urabizi: ico navugishije akanwa cose car’ imbere yawe.


Nabonye abava mw isezerano, ndashavura: Kuko batitondera ijambo ryawe.


Amaso yanje asendanisha inzūzi z’amazi, Kuko batitondera ivyagezwe vyawe.


Ariko ni mwanka kuvyumva, umutima wanje uzoririra mu mpisho, urizwe n’ubgibone bganyu; amaso yanje azorira cane, acundugute amosozi, kuk’ umukuku w’intama z’Uhoraho unyazwe.


Icompa umutwe wanje ukuzuramw’ amazi, amaso yanje akaba isōko y’amosozi, kugira ngo name ndira ku murango no mw ijoro, ndirira abishwe ba wa mukobga, ari bo bgoko bgacu!


Ubushangashirwe buramfashe, Mbutewe n’abanyakibi bareka ivyagezwe vyawe.


Noshobora nte kuguheba ga Efurayimu? Noshobora nte kugutanga ga Isirayeli? Noshobora nte kukugirira nk’i Adima? Noshobora nte kuguhindura nk’i Seboyimu? Umutima wanje ubuze uburagamo muri jewe, n’imbabazi zanje zose zirakongerejwe.


Araheza amushinga ijisho, kugeza aho Hazayeli yagiriye isoni. Uwo muntu w’Imana arahava ararira.


Kubg’ ivyo ndavuga, nti Ni murābe irya, munkūrekw amaso, mureke ndire nitunturire; ntimwigore ngo muranyirura umubabaro mfitiye ukunyagwa kw’i Yerusalemu umukobga w’ubgoko bgacu;


Kuk’ Uhoraho azohaguruka nk’uko yahagurutse ku musozi Perasimu, azoraka nk’uko yarakiye mu kiyaya c’i Gibeyoni; akore igikorwa ciwe, igikorwa ciwe c’igitangaza, ashitse igikorwa ciwe, igikorwa ciwe c’akumiza.


at’ Uyu musi iy’ umenya ivy’ amahoro! Ariko none bihishijwe amaso yawe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite