Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 19:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 kuko nagutinye k’ur’ umuntu w’umuhambazi, uterura ivyo utāhateretse, wimbura ivyo utārimye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Naratinye kuko nzi ko uri umuntu agoye; wanura ivyo utanikiye, ukimbura ivyo utarimye.’

Gade chapit la Kopi




Luka 19:21
16 Referans Kwoze  

kugira ngw acire bose amateka, no kwemeza abatubaha Imana bose ko batsinzwe ku bikorwa vyose vyo kutubaha Imana bakoze batayubaha, n’amagambo yose akomeye abanyavyaha batubaha Imana bavuze bayirwanya.


Nta bgoba buba mu rukundo, arik’ urukundo ruhīngūwe rusenda ubgoba, kuk’ ubgoba bugendana n’igihano, kand’ ūfise ubgoba ntarahīngūrirwa mu rukundo.


Kuk’ umuntu wese azokwitondera ivyagezwe vyose, agatsitara kuri kimwe, azoba acumuye kuri vyose.


Kukw Imana itaduhaye umutima w’ubujora: ariko yaduhaye uw’ ubushobozi n’urukundo n’ukwirinda.


Kuko mutāhawe impwemu y’ubuja ngo mwongere gutinya; ariko mwāhawe impwemu yo kubahindura abana b’Imana, idutakisha ngo Abba, Data.


Kuko kwitwaririka ivy’ umubiri gutera kwanka Imana, kuko kutumvira ivyagezwe n’Imana, kandi kudashobora kuvyumvira.


Maze Samweli yishura abantu, ati Nta co mutinya: ivyo bibi vyose mwarabikoze koko; ariko noneho ntimukikame ngo mureke gukurikira Uhoraho; ariko musabishe Uhoraho imitima yanyu yose.


Uwundi arengutse, aravuga, ati Mugenzi, ngiyi mina yawe, nabītse itekeye mu kiremo:


Aramubgira, ati Ndagucira urubanza ku vyakuvuye mu kanwa, wa muntu wanje mubi we. Ko war’ uzi yuko nd’ umuntu w’umuhambazi, nterura ivyo ntāhateretse, nimbura ivyo ntārimye:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite