Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 19:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Ahamagara icumi bo mu bishikira biwe, abaha amahera cumi yitwa mina, arababarira, ati Muyacuruze, mugeze aho nzozira.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Imbere yo kugenda akoranya cumi bo mu bakozi biwe, abaha mina cumi, ababwira ati: ‘Nimwakire aya mahera, mugende muyadandarishe gushika aho nzogarukira.’

Gade chapit la Kopi




Luka 19:13
15 Referans Kwoze  

Ni hagira ūnkorera, n’ankurikire, kand’ aho nzoba ndi, umukozi wanje ni ho azoba: ni hagira ūnkorera, Data azomuha icubahiro.


Simoni Petero, umugurano wa Yesu Kristo kand’ intumwa yiwe, ndabandikiye mwebge abāhawe ukwizera kw’akaburarugero kungana n’ukwacu, muguheshejwe n’ukugororoka kwa Yesu Kristo, ni we Mana yacu n’Umukiza.


Yakobo, umugurano w’Imana n’uw’ Umwami Yesu Kristo, ndabandikiye abo mu miryango cumi n’ibiri y’abāsābagiye: muganuke.


Mbeg’ ubu n’ishimwe ry’abantu ngomba, canke n’iry’ Imana? Canke se ndondera kunezereza abantu? Iyo mba nkinezereza abantu, simba nd’umugurano wa Kristo.


Uwo mwanya uwahawe italanto zitanu aragenda arazicurūza, yungukamw’ izindi talanto zitanu.


Uwari yahawe italanto zitanu araza, azana italanto zindi zitanu, ati Mugenzi, wari wansigaranye italanto zitanu, ehe nungutsemw’ izindi talanto zitanu.


Haza uwari yahawe italanto zibiri, ati Mugenzi, wari wansigaranye italanto zibiri, ehe nungutsemw’ izindi talanto zibiri.


Kandi haza uwahawe italanto imwe, ati Mugenzi, nari nkuzi k’ur’ umuntu w’ingāre, wimbura ivyo utārimye, ukumakuma ivyo utāsanzaje;


nukw aravuga, ati Hābaye umuganwa yagiye mu gihugu ca kure kwimikirwayo, ngw agaruke.


Arikw abantu biwe bāramwanka, bamukurikiza intumwa, bat’ Uyo ntitugomba kw atuganza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite