10 Kand’ Umwana w’umuntu yazanywe no kurondera no gukiza icari cazimiye.
10 Umwana w’Umuntu yazanywe no kurondera hamwe no gukiza abazimiye.”
Nzorondera iyazimiye, ngarukane iyahuvye, nunge īvunitse, nsindagize īrwaye, izivyibushe n’izikomeye ndazibogeke; zose nzoziragira mu buryo buroranye.
Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uz’ umwite YESU, kukw ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo.
Tugifise intege nke, mu gihe gikwiye Kristo yapfiriye abatubaha Imana.
Arabishura, ati Sinatumwe ku bandi, atari ku ntama zazimiye z’inzu ya Isirayeli.
arikw akanyamuneza no guhimbarwa biratubereye: kuko murumunāwe uyu yari yarapfuye, non’ arazutse; yari yarahavye, non’ arahabutse.
Ni co gituma ashobora gukiza rwose abashikīra Imana kubgiwe, kuko na ntaryo yamaho ngw abasabire.
Ariko muje mu ntama zazimiye zo mu muryango wa Isirayeli.
Mwirinde ntimukēngēre n’umwe mur’ aba bana bato: ndababgira yuko mw ijuru abamarayika babo bama barāba mu nyonga ha Data wo mw ijuru. [
Nk’ uk’ umwungere abariritsa umukuku wiwe mu gihe ari mu ntama ziwe zāsābagiriye kure, ni ko nanje nzobariritsa intama zanje; nzozikiza ndazikūre ahantu hose zāsābagiriye ku musi wo gufurangana w’ubgirakabiri.
Kand’ Umwana w’umuntu yaje gukiza icari cazimiye.]
Kukw Imana itātumye Umwana wayo gucira abari mw isi urubanza, ariko ngw abari mw isi bakizwe na we.
Cank’ umugore yogira amahera cumi, akabura rimwe, ntiyodomeka itara, agakubura inzu, akarondera ashishikaye kugeza ah’ aribonera?