Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 18:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Uyu mugani na wo awucira abiyizigira ubgabo ko bagororotse, bagakēngēra abandi bose.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Yesu yongera acira uwu mugani abishimira ukugororoka kwabo bagakengera abandi, ati:

Gade chapit la Kopi




Luka 18:9
22 Referans Kwoze  

Arababgira, ati Mwebge mugomba kwiyerekana nk’abagororotse mu maso y’abantu, arikw Imana irazi imitima yanyu: kukw igishizwe hejuru mu bantu ar’ igisesema mu nyonga z’Imana.


Har’ urunganwe rw’abantu bibgira ko batunganye, Ariko ntibuhagiwe imyanda yabo.


bakavuga, bati Hagarara ukwawe, ntunyegēre, kuko jewe nkurusha kuba uwejejwe. Ben’ abo bambera umwotsi wo mu mazuru, n’umuriro wīriza umusi waka.


Ko batari bazi ukugororoka kuva ku Mana bakarondera kwishingira ukugororoka kwabo ubgabo, ntibāganjwe n’ukuva ku Mana.


Ariko weho, n’iki gituma uhinyura mwene So? Kandi nawe, n’iki gituma ukēngēra mwene So? Kuko twese tuzohagarara imbere y’intebe y’imanza y’Imana.


Wa Mufarisayo yamuhamagaye abibonye, aribgira, at’ Uyu muntu iy’aba ūvugishwa n’Imana, yari kumenya uyu mugore amukozeko, ukw ari kand’ ukw asa, kw ar’ umunyavyaha.


Nanje kera nariho, ntafise ivyagezwe: maz’ icagezwe kije, icaha kirarabūka, nanje ndapfa;


Babibonye, bose baridodomba, bati Ko yinjiye kurārira umuntu w’umunyavyaha!


Umufarisayo ahagaze asengera ku mutima wiwe, ati Mana, ndagushimye yuko ntameze nk’abandi bose, abanyazi, cank’ abagabitanya, cank’ abasambanyi, canke n’abameze nk’urya mutozakori.


Aranyishura, ati Genda, kuko nzogutuma kure ku banyamahanga.


Baramwishura, bati Wewe wavukiye mu vyaha gusa gusa, ni wewe utwigisha? Bamuhindira hanze.


Baramutuka, bati Ni wewe mwigishwa wiwe, natwe tweho tur’ abigishwa ba Mose.


Abayuda baramwishura, bati None se ntitwavuze ukuri k’ur’ Umusamariya, kandi k’urimwo dayimoni?


Abafarisayo n’abanyabgenge b’ivyanditswe barīdodomba, bat’ Uyo yiyegereza abanyavyaha, agasangira na bo.


Maz’ uwo agomvye kwiyerekana nk’ūgororotse, abaza Yesu, ati Mbega mugenzanje ni nde?


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe abahindishwa agashitsi n’ijambo ryiwe: ati Bene wanyu babanka, bakabaca babahoye izina ryanje, bāravuze ng’ Uhoraho n’agaragaze icubahiro ciwe, turābe umunezero wanyu! Ariko bo bazomāramāra.


Ūrya inyama yoye gukēngēra ūtazirya; kand’ ūtazirya yoye guhinyura ūzirya, kukw Imana yamwemeye.


Ku musi ugira indwi umuherezi az’ asuzume iyo ndwara; maze ni yasanga ico giturika kitunguruje, hatar’ umushatsi ucēkūtse, kandi kidasa n’aho cinjiye imbere mu rukoba,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite