Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 18:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Mu misi ndwi yose nisonzesha kabiri, ntanga ikigiracumi c’ivyo ndonka vyose.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Nisonzesha kabiri mu ndwi, kandi ntanga ikigiracumi c’ivyo ndonka vyose.’

Gade chapit la Kopi




Luka 18:12
24 Referans Kwoze  

Ariko muzobona ibara, Bafarisayo, kuko mutanga ikigiracumi c’imbgija n’isogi n’imboga zose, ariko guca izibereye no gukunda Imana mukavyirengagiza. Ivyo mwari mukwiye kubikora, vya bindi na vyo ntimubireke.


Kuri we haza abigishwa ba Yohana, bati N’iki gituma twebge n’Abafarisayo twisonzesha kenshi, abigishwa bawe ntibisonzeshe?


Abe ari ko namwe mugira, ni mwaheza gukora ivyo mwagezweko vyose, muvuge, muti Tur’ abagurano b’imburakimazi, twakoze ivyo dukwiye gukora gusa.


kuko kwimenyereza kw’umubiri kugira ikimazi kuri bike, ariko kwubaha Imana kugira ikimazi kuri vyose, kuko kuzana isezerano ry’ubugingo bga none n’ubuzoza.


Mwirinde ntimugakorere ivyiza vyanyu mu maso y’abantu kugira ngo babarābe: ni mwagira murtyo, ntimuzogira impēra kuri So wo mw ijuru.


Mbeg’ umuntu yogunga Imana? Ariko mwebge mwarangunze. Yamara muravuga, muti Twakugunze ibiki? Mwangunze ikigiracumi n’amashikanwa.


ntivyavuye ku bikorwa, kugira ngo hoye kugira uwirarira.


Kandi mu bgoko bgacu narushije benshi bo mu bo twārukanye kuja imbere mw idini y’Abayuda, kuko nabarusha kugira ishaka ry’imigenzo twārazwe na ba sogokuruza.


kugira ngo ntihagire umuntu yirata imbere y’Imana.


None rer’ ukwihaya kuri hehe? Kwarabujijwe. Kwabujijwe n’ivyagezwe ki? Mbega n’ivy’ ibikorwa? Haba na mba: kwabujijwe n’ivy’ ukwizera.


Kand’ iyo mwisonzesha, ntimwijirwe nk’uko za ndyarya zigira. Kuko bīyoberanya mu maso ngo babonwe n’abantu ko bisonzesheje. Ndababgire ukuri: Baramaze guhabga impēra zabo.


Iyo musenga ntimukabe nka za ndyarya, kuko bakunda gusenga bahagaze mu masinagogi no mu mayirabiri, ngo biyerekane imbere y’abantu; ndababgire ukuri: Baramaze guhabga impēra zabo.


Ni mwatega amaboko yanyu nzobahisha mu nyonga hanje; mbere naho mwosenga amasengesho menshi sinzobumviriza: amaboko yanyu yuzuyekw ibitenga vy’amaraso.


Aramubarira, ati Ngo tujane, urābe ishaka mfitiye Uhoraho. Nukw amujana mu mukogote wiwe.


Maze Samweli ashikīra Sauli; Sauli aramubarira, at’ Uragahezagirwa n’Uhoraho! Ico Uhoraho yambariye nāgishikije.


Maz’ Imana iraza, ihūra na Balamu, arayibarira, ati Natunganije ibicaniro ndwi, ntangira kuri kimwe‐kimwe imasa n’isuguru y’intama.


Kukw ibigiracumi Abisirayeli bazotanga kw amashikanwa bangereye, jewe Uhoraho, mbihaye Abalewi kuba ari vyo biba ishamvu yabo: ni co gitumye mbabarira yukw ata shamvu bazogira mu Bisirayeli.


Ariko ndababgira yuk’ ukugororoka kwanyu ni kutaruta ukw’ abanyabgenge b’ivyanditswe n’ukw’ Abafarisayo, mutazoruha mwinjira mu bgami bgo mw ijuru.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite