Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 18:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Abacira umugani wo kubigisha ko bakwiye guhora basenga, ntibarambirwe,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Yesu aca abacira umugani, kugira ngo abereke ko bakwiye kwama basenga, ntibadendebukirwe.

Gade chapit la Kopi




Luka 18:1
26 Referans Kwoze  

Mukovye mu gusenga, mukubemwo maso, mushima;


Munezererwe kwizigira ibizoba; mwihanganire amagorwa; mushishikare gusenga;


Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka.


musengere muri Mpwemu ibihe vyose, mu buryo bgose bgo gusenga no kwinginga, kand’ ivyo mubibere maso, mukobeje rwose, musengera abera bose.


Kandi muzonyambaza, muzoza munsenge, nanje nzobumva.


Mwame mugavye, musenge mu bihe vyose, kugira ngo muze mushobore guhunga ivyo vyose bigira bibeho, ngo muhagarare imbere y’Umwana w’umuntu.


Twame dukora ivyiza, ntiducobogore, kukw igihe ni cashika tuzokwimbura, ni tutarambirwa.


Ngirira ikigongwe Mwami, Kukw ari wewe ntakambira umusi ukīra.


Ashize umutima ku gusenga kw’abatagira shinge na rugero, Ntiyakēngereye ugusenga kwabo.


Ni co gituma tutihebura, kuko dufise ubgo busuku, nk’uko twagiriwe ikigongwe.


Epafura w’i wanyu, umugurano wa Kristo Yesu, arabatasha, yama abarwanira mu gusenga kwiwe kugira ngo mushikame, mutunganye rwose, mumenya neza mudakekeranya ivy’ Imana igomba vyose.


Ah’ umutima wanje wiheburira muri jewe, nibutse Uhoraho, Ugusenga kwanje kwagushitseko mu rusengero rwawe rwera.


Wewe wumva ivyo usabga, Abafise umubiri bose bazoza kuri wewe.


Mba narihebūye iyo ntizera ko nzobonera ukugira neza kw’Uhoraho Mw isi y’abakiriho.


arikw abīteze Uhoraho bazokwama biyubura mu nkomezi nsha; bazodūgisha amababa nk’ inkukuma, biruke ntibaruhe, bagende ntibadendebukirwe.


kandi na we ntimwemere kw aruhuka, gushitsa ah’ azovyurira Yerusalemu, akahahindura ishimwe mw isi.


Nukw akomeje artyo gusengera imbere y’Uhoraho, Eli yitegereza umunwa wiwe;


Kuk’ ūsaba wese ahabga; ūrondera aronka; ūramutsa yugururirwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite