Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 17:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Mwirinde; mugenzawe ni yakora icaha, umuhanūre; ni yihana, umuharire.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Nuko rero mwiyubare mu vyo mukora. Umuvukanyi wawe niyacumura, umwihanize. Niyihana, umuharire.

Gade chapit la Kopi




Luka 17:3
18 Referans Kwoze  

Ntihaze hagire uwamanira akazīka uw’i wabo mu mutima wiwe; ariko ntaz’ abure kumuhanūra, kugira ngo ntibimukwegere icaha kubg’ uwo.


Maze Petero aza kuri we, aramubgira, ati Mushingantahe, incuti yanje ni yangirira nabi, nzomuharira ngeze kangahe? Ngeze indwi?


Ntiwihanize umucokoranyi, yohava akwanka: Wihanize umunyabgenge, azogukunda.


Bene Data, ni hagira umuntu muri mwebge azimira, akava ku vy’ ukuri, uwundi akamuzimurura,


Guhanira ahibonekeza Kuruta urukundo rudaseruka.


Nuko mwiyubare, mwoye kwibagira isezerano ry’Uhoraho Imana yanyu yasezeranye namwe, mukībāzira igishushanyo, mugishushanije n’ ishusho y’ikintu ic’ ari co cose, Uhoraho Imana yanyu yababujije.


Ariko kimwe gusa, mwiyubare, mugire umwete wo kwirinda mu mitima, mwoye kwibagira ivyo amaso yanyu yiboneye, vyoye kuva mu mitima yanyu imisi yose muzoba mukiriho; ariko muze mubimenyeshe abana banyu n’abuzukuru banyu.


Muze mwirinde, ntimuze musezerane isezerano n’ abari mur’ ico gihugu mugiyemwo, ntibize bihave bibabera umutego hagati muri mwebge;


Mwiyubare, ntimuhombe ivy’ ibikorwa mwakoze, ariko ngo muhabge ingero itagabanije.


mwizigame, ntihagire umuntu adashikīra ubuntu bg’Imana, kandi ntihagire umuzi wo kurura umera, ukabahagarika imitima, abenshi bakāndura,


Nuko mwirinde cane uburyo mugenda, mwoye kugenda nk’imburabgenge, ariko mugende nk’abanyabgenge,


Ariko mwirinde, kugira ngw imitima yanyu ntīremērwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwaririko w’ivy’ ubu bugingo, ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego:


Umuntu afise ubgenge iy’ ahambariwe bimushika kure Kurusha ukw inkoni ijana zishika ku gipfu.


Umugororotsi ankubise, bizoba ar’ ukungirira neza; Ampannye, bizoba ari nko kunsīga amavuta ya elayo mu mutwe: Umutwe wanje woye kuvyanka. Ariko gusenga kwanje gukomeza kurwanya ivyaha vya ba bandi.


Nuko mwiyubare cane, kuko mutāgize ishusho mubona na mba, kuri wa musi Uhoraho yababarira ar’ i Horebu, ari hagati mu muriro,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite