Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 17:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Ivyoba vyiza n’uko yohambīrirwa urusyo ruremereye kw izosi, agatererwa mu kiyaga, hakw atsitaza n’umwe mur’ aba bato.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Ikimukwiye ni uko yoboherwa ibuye rinini kw’izosi, agatererwa mu kiyaga, hako atuma hagira n’umwe muri aba bato acumura.

Gade chapit la Kopi




Luka 17:2
13 Referans Kwoze  

Kand’ ūzotsitaza n’umwe mur’ abo bato banyizera, iciza n’uko yohambīrirwa urusyo ruremereye kw izosi, agatererwa mu kiyaga.


Ni ko bidakundwa mu nyonga za So wo mw ijuru k’umwe mur’ abo bato apfa rubi.


Mwirinde ntimukēngēre n’umwe mur’ aba bana bato: ndababgira yuko mw ijuru abamarayika babo bama barāba mu nyonga ha Data wo mw ijuru. [


Ku badakomeye nabaye nk’ūdakomeye, kugira ngo ndonke abadakomeye. Kuri bose nabaye vyose kugira ngo nkirishe bamwe‐bamwe uburyo bgose.


Umwana w’umuntu agira agende, uko vyanditswe kuri we; arik’ uwo muntu agura Umwana w’umuntu azobona ibara: uwo muntu ivyomubereye vyiza iyaba atāvutse.


Ariko jewe ubganje nta co narwaniye mur’ ivyo: kandi sinandikiye ivyo kugira ngo nkorerwe ntyo. Ivyoba vyiza n’uko nopfuma mpfa, hak’ umuntu ahindura ubusa ivyo vyirato vyanje.


Nuko barangije kurya, Yesu abaza Simoni Petero, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urankunda kurusha aba? Na we at’ Ego, Mugenzi, wewe urazi ko nkunogera. Aramubgira, at’ Ahura imyagazi y’intama zanje.


Ikangure, wa nkota we, urwanye umwungere wanje, urwanye umuntu mugenzanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kubita umwungere, intama zisanzare; kandi n’imyagazi nzoyihindurirak’ ukuboko kwanje.


Azoragira umukuku wiwe nk’umwungere, azoterura imyagazi mu maboko, ayitware mu gikiriza, kand’ izonsa azoziyobora buhoro‐buhoro.


Ariko twoye kubatsitaza, genda ku kiyaga, uteremw’ igera, wābīre ifi iribubanze gufatwa, uyasamike, urasangamwo shekeli; abe ari yo ujana, uyitange kubganje nawe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite