Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 17:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Abe ari ko namwe mugira, ni mwaheza gukora ivyo mwagezweko vyose, muvuge, muti Tur’ abagurano b’imburakimazi, twakoze ivyo dukwiye gukora gusa.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Nuko rero namwe nimwaheza gukora ivyo mwategetswe vyose, muze muvuge muti: ‘Turi abakozi b’imburakimazi, twakoze ivyo dutegerezwa gukora.’ ”

Gade chapit la Kopi




Luka 17:10
20 Referans Kwoze  

Canke ni nde yabanje kumuha kand’ akazokwishurwa?


Kuko twese twahindutse nk’ibihumane, kand’ ukugororoka kwacu kwose kumeze nk’impuzu yanduye; twese dukabiranye nk’ikibabi, kand’ ibigabitanyo vyacu bidukubeba nk’ umuyaga.


Bārazimiye iyo bava bakagera, bose bācitse imburakimazi, Nta wukora ivyiza, eka nta n’umwe.


N’uyo muntu wanje w’imburakimazi ni mumute hanze mu mwiza, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.


Maze ndavuga, nti Mbonye ibara, ndapfuye; kuko nd’ umunyaminwa yanduye, kandi mba hagati y’ubgoko bufise iminwa yanduye; kukw amaso yanje abonye Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo.


atākugirira ikimazi kera, ariko noneh’ atugirira ikimazi twempi.


Mbeg’ akengurukira uwo mugurano kuko yakoze ivyo yamugezeko?


Maze bari mu nzira baja i Yerusalemu, aca hagati y’i Samariya n’i Galilaya.


baracinjira barakiganza; yamara banka kukwumvira, no kugendera mu vyagezwe vyawe; ntibakora na kimwe mu vyo wabageze vyose gukora: ico ni co catumye ubatēza ivyo vyago vyose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite