Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 17:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Kand’ abgira abigishwa biwe, at’ Ibitsitaza abantu ntibizobura kuza, arik’ ūbizana azobona ibara.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Umusi umwe Yesu yabwiye abigishwa biwe ati: “Ibituma abantu bacumura ntibizoreka kuza, ariko aragowe umuntu abizana.

Gade chapit la Kopi




Luka 17:1
14 Referans Kwoze  

Isi izobona ibara kubg’ ibitsitaza, kukw ivyo bitsitaza bitazobura kuza, arik’ uyo muntu azana igitsitaza azobona ibara.


Ni co gituma namb’ ivyo kurya bigwisha mwene Data, sinzopfa nongeye kurya inyama kugira ngo singwishe mwene Data.


Uhereye none rero, twoye guhinyurana; yamara tugire iyi migabo: ngo hoye kugira ūshira igitsitaza cank’ ikigwisha imbere ya mwene Se.


Kuko n’ibice bitobura kuba muri mwebge, ngw abemewe muri mwebge baseruke.


Ariko bene Data, ndabinginga kwitegereza abazana ivyo gutandukanya n’ibitsitaza, bidahūra n’ivyo mwize, mubazibukire.


Ahindukirira Petero, ati Herēra inyuma yanje, Satani; ur’ ikintsitaza, kukw ivy’ Imana atari vyo ubabaye, ubabaye ivy’ abantu.


Ntimubere Abayuda igitsitaza, cank’ Abagiriki, cank’ ishengero ry’Imana:


Ariko mfise i vyo nkugayako bike, kukw i wanyu uhafise abakomeza inyigisho za Balamu, yigishije Balaki gushira igitsitaza imbere y’Abisirayeli, kugira ngo barye ivyaterekerejwe ibigirwamana, bashakane.


Ariko mfise ico nkugayako, yuk’ ukundira urya mugore Yezebeli, yiyita ūvugishwa n’Imana, akigisha akazimiza abagurano banje, kugira ngo bashakane barye ivyaterekerejwe ibigirwamana.


Aramubgira, ati Ni batumvira Mose n’abāvugishwa n’Imana, ntibokwemera nah’ umuntu yozuka mu bāpfuye.


Ariko Mpwemu avuga avyeruye yuko mu bihe bizoza bamwe bazota ivyizerwa, bagashira umutima ku vy’ impwemu zizimiza no ku vy’ inyigisho z’abadayimoni,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite