Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 16:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Nanje ndababgire, Itunga ribi muryironkeshereze incuti, ngo ni ryabura baze babatunge mube muri za ngo zitazoshira.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Umve ndababwire: Ubutunzi bwanyu bwo mw’isi nimubukoreshe mu kwironderera abagenzi, kugira ngo nibwahera muzokwakirwe mu mazu y’ibihe bidashira.

Gade chapit la Kopi




Luka 16:9
28 Referans Kwoze  

Yesu aramubgira, at’ Asangw’ ugomba kuba agahore, genda ushōre ivyo utunze, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’ uze, unkurikire.


Nta wusaba abami babiri: kuko yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kur’ umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga.


None mugenzi, wemere inama nkugīra; reka ivyaha vyawe ukore ibigororotse, kand’ ureke ibigabitanyo vyawe ugirire akagongwe impahazwa; kugira ngo kumbure kuroranirwa kwawe kube kuramaze kabiri.


Namba mutabaye abizigirwa kw itunga ribi mubīkijwe, ni nde azobabītsa itunga nyaryo?


Ūgirira akagongwe umugorwa aba agurānye Uhoraho, Kand’ ukugira neza kwiwe azokumwishura.


kuko badafise ivyo kukwishura, arik’ uzokwishurwa mw izuka ry’abagororotsi.


Mugure ivyo mufise, mutange ibiguzi vyavyo kubg’ ubuntu; mwibarīrire imipfuko idashira, ubutunzi budashira buri mw ijuru, ahatēgērwa n’igisuma, ata n’inyenzi zōnōna:


Ariko mutange ibir’ imbere mu gikombe no mu nkōko mubitangishijwe n’ubuntu, kand’ umve, vyose bizobabera ibiziruwe.


Kukw amarushwa yacu ahwahutse y’akanya ka none yiyongeranije cane kudushikiriza ubgiza buremereye bg’ibihe bidashira.


Nta muntu asaba abami babiri; yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kur’ umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga.


arambgira, ati Koruneliyo, ugusenga kwawe kwarumviswe, n’ubuntu bgawe bgibutswe imbere y’Imana.


Ntimukīrundanirize ubutunzi mw isi, ah’ inyenzi n’ingese bibumara, n’ibisuma bikīmba bikabgiba.


mwizigamire mu rukundo rw’Imana, mwiteze imbabazi z’Umwami wacu Yesu Kristo zibashitsa ku bugingo budashira.


Na we amukanurira amaso, afise ubgoba, aramubaza, ati N’iki ga Mwami? Aramwishura, ati Gusenga kwawe n’ubuntu bgawe vyadūze biba icibutso imbere y’Imana.


Terera ivyo kurya vyawe ku mazi: uzosubira kubibona hahise imisi myinshi.


Mbega wogumiza ijisho ku kiriko kirarenga? Kuk’ ubutunzi butobura kumera amababa, Nk’inkukuma iguruka itumbereye mw ijuru.


Kuko ntotongana ibihe vyose, kandi sinokwama ndatse: kukw imitima n’ubugingo naremye vyodendebukirirwa imbere yanje.


Umubiri wanje n’umutima wanje bishira umunywera, Arikw Imana ni yo gitandara umutima wanje uhungirako, kandi ni yo mugabane wanje ibihe vyose.


Ndazi ico nkora, ngo ni nasohorwa mu bubgiriza baze bantunge mbe mu ngo zabo.


Igitsibo c’abanyabgenge n’ ubutunzi bgabo, Arik’ ubupfu bg’ibipfu n’ ubupfu nyene.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite