Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 16:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Nuko shebuja ashima uwo mubgiriza agabitanya, kuko yakoze ivy’ ubgenge: kukw abana b’iki gihe bagira ubgenge mu vy’ubu bugingo kurusha abana b’umuco.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Maze shebuja ashima amayeri uwo munyabigega asesagura yakoresheje. Ni ko n’abana b’iyi si bazi ubwenge bwo kwitunganiriza ivy’ubuzima kurusha abana b’umuco.

Gade chapit la Kopi




Luka 16:8
23 Referans Kwoze  

kuko mwese mur’ abana b’umuco n’abana b’umurango. Ntitur’ ab’ ijoro cank’ ab’ umwiza.


kuko kera mwar’ umwiza, none mukaba mur’ umuco mu Mwami wacu: mugende nk’abana b’umuco,


Ūkora ivyo yizigiweko ku coroshe cane, agira artyo no ku gikomeye: ūgabitanya ku coroshe cane, agabitanya no ku gikomeye.


Mugifise umuco, mwizere umuco, ngo mube abana b’umuco. Yesu amaze kuvuga ivyo, arīgīra, arabīhisha.


Iki ni co kimenyekanisha abana b’Imana n’abana b’Umurwanizi: ūdakora ibigororotse wese s’uw’ Imana, cank’ ūdakunda mwene Data wundi.


Ndazi ico nkora, ngo ni nasohorwa mu bubgiriza baze bantunge mbe mu ngo zabo.


Enda tubaronderere inama y’ubgenge, kugira ngo boye kugwira, bakazohava bīfatanya n’abansi bacu, haramutse habaye intambara, bakaturwanya, bakava mur’ iki gihugu.


Inzoka yarusha ubugunge ibikōko vyose vyo mw ishamba Uhoraho Imana yaremye. Ibaza uwo mugore, iti Mbega n’ivy’ ukuri koko yukw Imana yavuze, ngo Ntimurye ku giti na kimwe co mur’ iri tongo?


Yesu arabishura, at’ Ab’ iyi si bararongora, kandi barashingirwa,


Uhoraho, uwukize abantu, uwukirishije ukuboko kwawe; Ni bo bantu b’isi, umugabane wabo uri mur’ ubu bugingo. Inda zabo ziragahāga ivyo wababīkiye, Abana babo barakabihāga, Barakabisigariza n’ibibondo vyabo!


Ariko Amunoni yar’ afise umugenzi bakundana yitwa Yonadabu mwene Shimeya, Shimeya mukuru wa Dawidi; kandi Yonadabu uwo yar’ umuntu w’incabgenge.


Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje:


iherezo ryabo n’uguhona, imana yabo n’inda, biratana ibiteye isoni vyabo, ivy’ isi ni vyo bababaye.


Ntihakagire umuntu yihenda; umuntu wo muri mwebge ni yiyumvira kw ar’ umunyabgenge ku vy’iki gihe, abe igipfu, kugira ngw abone kuba umunyabgenge.


Kand’ Umwami Yesu aravuga, ati Ni mwumve ivyo uyo mucamanza agabitanya yavuze.


Aramwishura, ati N’abandi. Yesu aramubgira, ati Noneh’ ababo baracuna.


None rero ni mumpamagarire ba kamenyi ba Bayali n’abamusenga bose n’abaherezi biwe bose; ntihaze hasigare n’umwe; kuko ngomba guha Bayali ikimazi gihambaye; ūzobura kuza wese azokabona. Ariko Yehu cār’ icenge, kugira ngw abone kugeseza abasenga Bayali.


Umuntu wese azodedemba ku Mwana w’umuntu azobiharirwa, arik’ ūdedemba kuri Mpwemu Yera ntazobiharirwa, naho hoba mur’ iki gihe canke mu gihe kizoza.


Kand’ abaza uwundi, ati Harya weho umufitiye ibingana iki? Aramwishura, at’ Ingero ijana z’ingano. Aramubarira, at’ Abīra icete cawe, wandike mirongumunani.


arikw abemerewe gushika muri ya si yindi no kuzuka mu bapfuye ntibarongora kandi ntibashingirwa;


Umuntu ashimirwa ubgenge bgiwe nk’uko bungana, Arik’ ūfise umutima ugoramye baramugaya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite