Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 16:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Uwo mubgiriza aribaza, ati Mbe ngira nte, ko databuja agira ansohore mu bubgiriza bganje? Sinshobora kurima, binteye isoni ko nosēgerereza.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Wa munyabigega aca aribaza ati: ‘Mbega ndabigenza gute ko databuja agira ankure mu kazi? Nta nkomezi mfise zo kurima, kandi gusega vyontera isoni.

Gade chapit la Kopi




Luka 16:3
26 Referans Kwoze  

Kuko twumvise yuko hariho bamwe bo muri mwebge bagenda basaragurika, bama bīneganegera bakīta mu bitabakwiye.


Hār’ umuntu yaremaye ibirenge uhereye kuva mu nda ya nyina, yama aterurwa, bakamushira kw irembo ry’urusengero ryitwa Ryiza uko bukeye, kugira ngw asēge abinjira mu rusengero.


Nukw ababanyi biwe, n’abāhora bamubona kw ar’ umusēzi, barabazanya, bati Mbeg’ uyu si we yahora yicaye asēgerereza?


Amara imisi atemera, ariko hanyuma aribgira, ati Naho ntatinya Imana, kandi singire isoni z’abantu,


Hanyuma rero wa mworo arapfa, abamarayika bamujana mu gikiriza ca Aburahamu: na nya mutunzi arapfa, arahambga.


Kandi hāriho n’umworo yitwa Lazaro, yatembagara kw irembo ryiwe yatonyanga ibisebe.


Yiyumvira mu mutima wiwe, ati Ndagira nte, ko ntagira aho nimburira imirima yanje?


Nuko bashika i Yeriko: akivana i Yeriko n’abigishwa biwe n’ishengero ryinshi, mwene Timayo yitwa Barutimayo, umusēzi w’impumyi, yari yicaye i ruhande y’inzira.


Mbega muzogira mute, ku musi mukuru washinzwe, no ku musi w’ikoraniro ry’Uhoraho?


ba kamenyi bavuga ibinyoma, kandi n’abaherezi, uko baganza kwose bagukūra kuri bo; kand’ abantu banje ni co bakunda: mbega none muzokora iki kw iherezo ryavyo?


None muzogira mute umusi muzoshikīrwa, no mw irandura rivudutse kure? Muzohungira kuri nde ngw abatabare? Kandi muzobītsa hehe ubutunzi bganyu?


Ūreze umushumba akamufyinisha uhereye mu buto bgiwe, Uburuhiro n’ukuzohava yīgira umwana wiwe.


Mu gihe c’imbeho umunebge ntakunda kurima, Ni co gituma mw iyimbura aja gusēgerereza ntagire ico aronka.


Ubunebge butera itiro ryinshi, Kand’ umunyabute azogira inzara.


Kand’ ūdeha mu gikorwa ciwe Aba ar’ incuti y’ūtikiza.


Inzira y’umunyabute ni nk’ umurombero w’amahwa, Arikw inzira y’abagororotsi n’ umuharuro.


Umutima w’umunyabute urifuza, ariko nta co uronka, Arik’ umutima w’abanyamwete uratotahara.


Nuko Hamani arinjira. Umwami aramubaza, ati Mbeg’ umuntu jewe umwami nkunze guha icubahiro yokorerwa iki? Nuko Hamani yibaza mu mutima, ati Har’ uwundi umwami yokunda guha icubahiro kuruta jewe?


ariko va hasi, ushike mu gisagara, uzobarirwa ivy’ ukwiye gukora.


Bugorovye, nyen’ uruzabibu abgira umukoresha wiwe, ati Hamagara abakozi, ubagerere ingero zabo, utangurire mu bo hanyuma gushitsa ku ba mbere.


Aramuhamagaza, aramubaza, at’ Ivyo nkwumvako n’ibiki? Harūra igitigiri c’ivyo wabīkijwe, kuk’ utagikwiye kuba umubgiriza wanje.


Ndazi ico nkora, ngo ni nasohorwa mu bubgiriza baze bantunge mbe mu ngo zabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite