Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 16:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Ivyagezwe, bo n’amajambo y’abāvugishwa n’Imana, vyabayeho gushitsa igihe ca Yohana: uhereye ico gihe ubutumwa bgiza bg’ubgami bg’Imana ni ho bgavugiwe, umuntu wese akabubandanira.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Igihe c’ivyagezwe vya Mose n’abavugishwa cagarukiye kuri Yohana. Kuva ico gihe, ubutumwa bwiza bw’Ubwami bw’Imana buravugwa, kandi abinjira muri ubwo Bwami barabubandanira.

Gade chapit la Kopi




Luka 16:16
21 Referans Kwoze  

Kuko Yohana yaje muri mwebge agendera mu nzira yo kugororoka, kandi ntimwamwemera. Arikw abatozakori n’abasambanyikazi baramwemeye. Namwe mubibonye, no hanyuma ntimwirimbura ngo mumwemere.


Filipo abona Natanayeli, aramubgira, at, Uwo Mose yanditse mu vyagezwe, n’abāvugishwa n’Imana bakamwandika, twamubonye, ni Yesu w’i Nazareti, mwene Yosefu.


Aramubgira, ati Ni batumvira Mose n’abāvugishwa n’Imana, ntibokwemera nah’ umuntu yozuka mu bāpfuye.


ati Mwihane, kuk’ ubgami bgo mw ijuru buri hafi.


Arikw ivyo Imana yavugiye mu kanwa k’abāvugishwa na yo bose bitaribgabe, yuko Kristo wayo azobabazwa, ivyo yabishikije irtyo.


Aburahamu aramubgira, ati Bafise ivya Mose n’ivy’ abāvugishwa n’Imana, ni babumvire.


muti N’umukungugu wo mu gisagara canyu, ufashe mu birenge vyacu, turawubakunkumuriye: ariko mumenye iki, yuk’ ubgami bg’Imana buri hafi.


mukize abarwaye baho, mubabgire mut’ Ubgami bg’Imana burabēgereye.


Guhera ubgo, Yesu atangura kwigisha, ati Mwihane, kuk’ ubgami bgo mw ijuru buri hafi.


Abatuma kubarira abantu ivy’ ubgami bg’Imana, no gukiza abarwaye:


Yohana amaze gushirwa mw ibohero, Yesu aja i Galilaya, ababgira ubutumwa bgiza bg’Imana,


Uko mugenda kwose mwigishe, mut’ Ubgami bgo mw ijuru buri hafi.


Arikw Abafarisayo bavugana muri bo, bati Murabona kw ata co mumaze: rāba isi yose yamukondoreye inyuma.


Ni twamurekeraho durtyo, bose bazohava bamwizera, kand’ Abaroma bazoza batikize igisagara cacu n’ubgoko bgacu.


Maz’ avaho, atangura kwandagaza no gukwiza ivyabaye; ni co catumye Yesu atābaye agishobora kuja mu gisagara abandi babizi, arikw aguma inyuma yaco mu gahinga: abava hose baza kuri we.


Yesu agendagenda i Galilaya hose, yigisha mu masinagogi yabo, ababgira ubutumwa bgiza bg’ubgami, akiza indwara n’ubumuga vy’uburyo bgose mu bantu.


Ikija mu kanwa si co gihumanya umuntu; arikw ikiva mu kanwa ni co kimuhumanya.


Kuko rimwe‐rimwe umumarayika yamanuka aja muri kino kidengeri, akazīkurura amazi. Maz’ uwītangiye gutambukiramwo, amazi azīkurutse, ni we yakira indwara yamufashe iy’ ari yo yose.]


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite