Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 16:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Nta muntu asaba abami babiri; yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kur’ umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Nta mukozi n’umwe yoshobora gushimisha abakoresha babiri: agerageje kunezereza umwe, yosanga yababaje uwundi; kandi agerageje kuba umwizigirwa kuri umwe, yosanga yahemukiye uwundi. Nta muntu ashobora gukoreshwa n’Imana ngo yongere akoreshwe n’amahera.”

Gade chapit la Kopi




Luka 16:13
12 Referans Kwoze  

Nta wusaba abami babiri: kuko yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kur’ umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga.


at’ Umuntu ni yaza kuri jewe, ntiyanke se, na nyina, n’umugore wiwe, n’abana biwe, na bene nyina, na bashiki biwe, mbere n’amagara yiwe na yo, ntashobora kuba umwigishwa wanje.


Yemwe basambanyi, ntimuzi yuko gucudika n’isi ar’ ukwankana n’Imana? Nuk’ umuntu wese agomba kuba incuti y’isi aba yīgize umwansi w’Imana.


Kandi namba mubona bibabangamiye gusaba Uhoraho, uyu musi ni mwitoranirize uwo muzosaba, namb’ ari za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi, cank’ imana z’Abamori ben’ iki gihugu murimwo; ariko jeho n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Uhoraho.


Ūtamperereyeko aba ar’ umwansi wanje, kand’ ūdafatanije nanje kwegeranya aba asanzaje.


Nanje ndababgire, Itunga ribi muryironkeshereze incuti, ngo ni ryabura baze babatunge mube muri za ngo zitazoshira.


Buno Yesu aramubgira, ati Mvako, Satani, kuko vyanditswe, ng’ Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usenga, kand’ abe ari yo usaba yonyene.


Yesu aramubgira, ati Ntimumubuze, kuk’ ūtar’ umwansi wanyu ari mu ruhande rwanyu.


Kandi namba mudakora ivyo mwizigiweko ku vy’ abandi mwabīkijwe, ni nde azobaha ivyo mwokwiganzira?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite