Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 16:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Namba mutabaye abizigirwa kw itunga ribi mubīkijwe, ni nde azobabītsa itunga nyaryo?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 None mutabaye abizigirwa mu vy’ubutunzi bwa hano kw’isi, ni nde yobazeza ivy’ubutunzi nyakuri?

Gade chapit la Kopi




Luka 16:11
9 Referans Kwoze  

Mugure ivyo mufise, mutange ibiguzi vyavyo kubg’ ubuntu; mwibarīrire imipfuko idashira, ubutunzi budashira buri mw ijuru, ahatēgērwa n’igisuma, ata n’inyenzi zōnōna:


Ni mwumve, bene Data nkunda. Mbeg’ Imana ntiyatoranirije aboro b’ivy’ isi kuba abatunzi mu kwizera, no kuragwa ubgami yasezeraniye abayikunda?


Jewe, uwuri mu nyuma y’uwo mu nyuma y’abera bose, naherewe ubgo buntu kubgira abanyamahanga ubutumwa bgiza bg’itunga rya Kristo ritagira aho riherera,


Yesu avyumvise aramubgira, ati Na non’ uhajije kimwe; shōra ivy’ ufise vyose, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’ uze, unkurikire.


Nanje ndababgire, Itunga ribi muryironkeshereze incuti, ngo ni ryabura baze babatunge mube muri za ngo zitazoshira.


ndakugīra inama, ungurekw izahabu yakūwekw inkamba n’umuriro, ubone kuba umutunzi; ungureko n’impuzu zera, ubone kwambara, isoni z’ubgambure bgawe ntizigaragare; kand’ ungureko n’umuti wo gusīga ku maso, ubone guhumūka.


Nta wusaba abami babiri: kuko yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kur’ umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga.


Kandi namba mudakora ivyo mwizigiweko ku vy’ abandi mwabīkijwe, ni nde azobaha ivyo mwokwiganzira?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite