Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 16:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Maz’ abgira abigishwa biwe, ati Hābaye umuntu w’umutunzi yar’ afise umubgiriza wiwe, bamumuregako ko yaya ibintu vyiwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Inyuma y’aho Yesu abwira abigishwa biwe ati: “Habaye umutunzi yari afise umunyabigega asesagura.

Gade chapit la Kopi




Luka 16:1
19 Referans Kwoze  

Nk’uk’ umuntu wese yagabiwe ingabire muzigaburirane, nk’uko bibereye ababgiriza beza b’ubuntu bg’Imana bg’uburyo bginshi.


Umwami Yesu na we aramubaza, ati Ni nde mubgiriza wo kwizigirwa w’ubgenge, shebuja yosigarana abo mu rugo rwiwe, ngw abagaburire ku ngero yabo igihe kigeze?


murasaba ntimuhabge, kuko musaba nabi, kugira ngo muvyononere mu bibahimbara.


Kuk’ umuzezwashengero akwiye kutabak’ umugayo, nk’umubgiriza w’Imana nyene; kandi ntakwiye kuba ūdakūrwa kw ijambo, cank’ ūsugurirwa, cank’ umunywi wa vino, cank’ umusinzi, cank’ uwifuza inyungu mbi;


Maz’ uyo mwana wawe aje, yakomvye ivyawe abisambanisha, umubāgira ishūri inuze.


Imisi mike ishize, umuhererezi akoranya ibintu vyiwe vyose, aragenda, aja mu kindi gihugu ca kure; ashitseyo yayisha ibintu vyiwe ubuhumbu.


Uwundi arengutse, aravuga, ati Mugenzi, ngiyi mina yawe, nabītse itekeye mu kiremo:


Kand’ ūdeha mu gikorwa ciwe Aba ar’ incuti y’ūtikiza.


Hābaye umuntu w’umutunzi yambara impuzu z’inyambarabami n’izera nziza, yama adibamye mu vyiza imisi yose.


na Yowana muka Kuza, umubgiriza wa Herode, na Susana, n’abandi bagore benshi, bābafashisha ivyabo.


Erega ntiyamenye kw ari jewe namuha za ngano na vino n’amavuta, nkamusenyurirakw ifeza n’izahabu, ivyo bākoreshereje Bayali.


Dawidi akoranya abaganwa bose b’Abisirayeli, abaganwa b’imiryango, n’abagabisha b’ingabo zigenda zikūranwa gusasa i bgami, n’abagaba ibihumbi n’abagaba amajana, n’abakuru bāri bajejwe itunga n’amasho vyiwe n’abana biwe, n’abantu b’inkone, n’abahizi, mbere n’abantu bose b’intōre; abakoraniriza i Yerusalemu.


Begera uwo mubgiriza wa Yosefu, bavuganira na we ku muryango w’inzu,


Aburamu aramubaza, ati Mwami Uhoraho, uzompa iki, ko ngiye gupfa ata kana nsize, kand’ ūzotorana urugo rwanje akaba ari Eliyezeri Umunyadamasiko?


Bugorovye, nyen’ uruzabibu abgira umukoresha wiwe, ati Hamagara abakozi, ubagerere ingero zabo, utangurire mu bo hanyuma gushitsa ku ba mbere.


Aramuhamagaza, aramubaza, at’ Ivyo nkwumvako n’ibiki? Harūra igitigiri c’ivyo wabīkijwe, kuk’ utagikwiye kuba umubgiriza wanje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite