Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 15:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 ati Hogira umuntu muri mwebge afise intama ijana, yozimiza imwe muri zo, ntiyosiga izindi mirongwicenda n’icenda mu gahinga, akaja kurondera iyazimiye, kugeza ah’ ayibonera?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 “Hamwe muri mwebwe hoba hari uwufise intama ijana hanyuma imwe muri zo ikazimira, ntiyosiga izo mirongo icenda n’icenda mu gahinga, akaja kurondera iyo yazimiye gushika ayitoye?

Gade chapit la Kopi




Luka 15:4
19 Referans Kwoze  

Nzorondera iyazimiye, ngarukane iyahuvye, nunge īvunitse, nsindagize īrwaye, izivyibushe n’izikomeye ndazibogeke; zose nzoziragira mu buryo buroranye.


Kand’ Umwana w’umuntu yazanywe no kurondera no gukiza icari cazimiye.


Kuko mwari muzimiye nk’intama, ariko noneho mugarutse ku Mwungere w’ubugingo bganyu, ari we nyene abujējwe.


Arabishura, ati Ni nde muri mwebge yoba afise intama imwe ikagwa mu cobo kw isabato, ntayifate ngw ayikūreyo?


Kandi namwe ntama zanje, mwa ntama z’icibare canje, mur’ abantu, nanje nd’ Imana yanyu, ni k’ Umwami Uhoraho agize.


Narahuvye nk’intama izimiye: rondera umusavyi wawe, Kuko ntibagira amabgirizwa yawe.


Twese twazimiye nk’intama, twese twagiye isābagire, umuntu wese mu nzira yiwe; Uhoraho amuremēka ukugabitanya kwacu twese.


Abantu banje bābaye intama zizimiye; abungere babo bārabajimije, bābahubirije ku misozi: bāva ku musozi baja ku wundi, bibagiye uburuhukiro bgabo.


Umwami Yesu aramwishura, ati Mwa ndyarya mwe, mbeg’ umuntu wese muri mwebge ntazitura inka yiwe cank’ indogoba yiwe mu ruhongore kw isabato, akayijana, akayishōra?


ngo Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, n’ ukuri intama zanje ko zahindutse inyagano, zikaba ivyo kurya vy’ ibikōko vyose vyo mw ishamba, kubgo kutagira umwungere, kand’ abungere banje ntibarondere intama zanje, ariko bakīragira ubgabo, ntibaragire intama zanje;


Ni co gituma utagira ico wireguza, wewe muntu wese uhinyura uwundi. K’uhinyura uwundi, uba witsindishije; kuko wewe umuhinyura ukora bimwe n’ivy’ akora.


Imikuku izosubira gutaha itonze imirongo mu bisagara vyo mu mugamba waho, no mu bisagara vyo mu bihugu biciye bugufi, no mu bisagara vy’i bumanuko, no mu gihugu ca Benyamini n’ahantu hahereranye n’i Yerusalemu, no mu bisagara vy’i Buyuda, bayiharūre, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Īdakomeye ntimwayisindagije, n’īrwaye ntimwayivūye, n’īvunitse ntimwayunze, n’iyirukanywe ntimwayigarukanye, canke ngo murondere iyazimiye; ariko mwazitwaje igitugu n’amanyama.


Abacira uyu mugani,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite