Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 15:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Yifuza guhāzwa n’ibishishwa ingurube zārya, ntihāgira ūmunūtsa.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Uwo muhungu arasonza gushika aho yipfuza ivyokurya vy’ingurube, ariko na vyo nta n’umwe yabimuha.

Gade chapit la Kopi




Luka 15:16
13 Referans Kwoze  

Efurayimu atunzwe n’umuyaga, kand’ akurikira umuyaga uva i burasirazuba: ntahengeshanya kugwiza ibinyoma n’ubugunge. Basezerana isezerano n’abo muri Ashuri, maz’ amavuta agahonera muri Egiputa.


Abāri bamenyereye gufungura ibigemānije basigaye bagwira isari mu nzira; Abārerewe mu mpuzu z’ inyambarabami basigaye barambarara ku macukiro.


Ūshima umunyota gusa, umutima wibesha uba wamujimije, bituma adashobora gukiza ubugingo bgiwe, ngw aruhe yibaza, ati Mbeg’ ico mfise mu kuryo kwanje s’ikinyoma?


Itegereze i buryo bganje, urābe ko har’ umuntu ampa ni rwere: Mbuze ubuhungiro; nta muntu ababaye ubugingo bganje.


Ni mwīgire hino, mwa bana b’umurozikazi, mwa ruvyaro rw’ umusambanyi n’umusambanyikazi.


N’iki gituma mutanga amahera kugura ibitar’ ivyo kurya nyakuri? N’iki gituma mukorera ibidahāza? Mugire umwete wo kunyumvira, ni ho muzorya ivyiza, ubugingo bganyu bunezererwe ibishashagira.


Nar’ ikijuju, nar’ imburabgenge, Namera nk’igikōko imbere yawe.


Ivyera vy’Imana ntimukabihe imbga, kand’ imaragarita zanyu ntimuziterere ingurube, kugira ngo ntizizihonyange n’inzāra zazo, maze zikabahindukirira, zikabatabagura.


Aragenda, ashumba ku muntu wo mur’ ico gihugu, amurungika ku gasozi kiwe kuragira ingurube.


Yisubiyemwo, aribgira, at’ Abacangero ba data bangana kuriya, kandi bahāzwa n’ivyo kurya bakabisigaza, nanje jeho inzara irikw iranyicira hano.


Basoroma utuboga tumera mu bisaka, Imizi y’igiti c’umurotemu ni yo bagira utwo kurya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite