Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 15:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Ndababgire, Uko ni ko haba umunezero imbere y’abamarayika b’Imana kubg’ umunyavyaha umwe yihannye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Ni ko n’abamarayika b’Imana bagira umunezero iyo umunyavyaha umwe yihanye.”

Gade chapit la Kopi




Luka 15:10
23 Referans Kwoze  

Ndababgira yuko mw ijuru bazonezererwa bartyo umunyavyaha umwe yihannye, bakamurutisha abagororotsi mirongwicenda n’icenda batarinda kwihana.


Umubabaro wo mu buryo bg’Imana utera ukwihana kuticuzwa, kuzana agakiza: arik’ umubabaro wo mu buryo bg’isi utera urupfu.


Ubabgire, uti Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, simpimbarwa n’uk’ umunyavyaha apfa, atar’ uko yohindukira, akava mu ngeso ziwe, akabaho: enda ni muhindukire, mugaruke muve mu ngeso zanyu mbi; n’iki gituma mugomba gupfa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?


Mbega mugira ngo mpimbarwa n’uk’ umunyavyaha apfa? ni k’ Umwami Uhoraho abaza; ikimpimbara s’uko yohindukira akava mu ngeso ziwe akabaho?


Ndababgire, Si ko biri; ariko ni mutihana, namwe muzohona murtyo mwese.


Ni ko bidakundwa mu nyonga za So wo mw ijuru k’umwe mur’ abo bato apfa rubi.


Erega simpimbarwa n’ urupfu rw’ūpfuye, ni k’Umwami Uhoraho agize: nuko ni muhindukire, mubeho.


Mbeg’ abamarayika bose s’impwemu ziyikorera, zitumwa gukora igikorwa kubg’ abazoragwa agakiza?


Bumvise ivyo barīhorera, bahimbaza Imana, bati Noneho rer’ Imana ihaye n’abanyamahanga kwihana ngo baronke ubugingo.


Iki ni co gitumye nkubgira yukw ahariwe vya vyaha vyiwe vyinshi; kuko yagize urukundo rwinshi: arik’ ūhariwe bike agira urukundo ruke.


Mwirinde ntimukēngēre n’umwe mur’ aba bana bato: ndababgira yuko mw ijuru abamarayika babo bama barāba mu nyonga ha Data wo mw ijuru. [


Kumbure icatumye atandukanywa nawe igihe gito kwar’ ukugira ng’ uz’ umwamane imisi yose:


Maz’ umumarayika w’Umwami Imana ahenga mw ijoro yugurura inzugi z’ibohero, abakūrayo, arababgira,


Umuntu wese azonyaturira imbere y’abantu, nanje nzomwaturira imbere ya Data wo mw ijuru.


Kandi ndababgire; Umuntu wese azonyaturira imbere y’abantu, Umwana w’umuntu azomwaturira imbere y’abamarayika b’Imana.


Arik’ ūnyihakanira imbere y’abantu, azokwihakanirwa imbere y’abamarayika b’Imana.


Iy’ aribonye, ahamagara incuti ziwe n’ababanyi biwe, akababgira, ati Tunezeranwe, kuko mbonye ihera nari nājimije.


Kand’ arababgira, ati Hābaye umuntu yar’ afise abahungu babiri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite