Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 13:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Na we aramwishura, at’ Enda mugenzi, wureke uyu mwaka na wo, ndaworohereze, ndawutabirire:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Wa mukozi aramubarira ati: ‘Databuja, cihanganire uwundi mwaka, ndakibagarire nongere ndagitabire.

Gade chapit la Kopi




Luka 13:8
17 Referans Kwoze  

Umwami Imana ntitebeje isezerano ryayo, uko bamwe biyumvira kw iritevya. Ariko yihanganira mwebge, ntigomba ko hagira abahona, arikw igomba ko bose bihana.


kugira ngo kumbure ntere ishari ab’i wacu, nkize bamwe muri bo.


Abaherezi, ari bo basuku b’ Uhoraho, ni baririre hagati y’ikirimba c’inyubakwa n’igicaniro, bavuge, bati Hangaza abantu bawe, ewe Uhoraho, ntutange ishamvu yawe ngw ibe agatukisha, cank’ amahanga ngw ayiganze; n’iki kibavugisha mu mahanga, ngw Imana yabo iri hehe?


Bene Data, ivyohimbara umutima wanje n’ivyo nsengera Abisirayeli ku Mana, n’ukugira ngo bakizwe.


Mbeg’ iciza cokwishurwa ikibi? Ko banyimbiye icobo! Ibuka ingene nahagaze imbere yawe kugira ngo mbavugire neza, kugira ng’ uburake bgawe bubaveko!


Maz’ Uhoraho arambarira, ati Naho Mose na Samweli bohagarara imbere yanje, umutima wanje ntiwohangaza ubu bgoko: bahinde, bave mu nyonga zanje, bagende.


Bituma ivuga kw izobahonnya, Kand’ iba yarabahoneje, iyaba Mose uwatoranijwe na yo atāhagaze imbere yayo mu gihengeri, Kugira ngw asubize inyuma uburake bgayo, yoye kubahonnya.


Aravuga, ati Mwami, namba ngiriwe ubuntu imbere yawe, none ndakwinginze Mwami, n’ugendere hagati muri twebge, nah’ ar’ ihanga ritagonda izosi; uharire ibigabitanyo vyacu n’ibicumuro vyacu, wemere kuduhindura ishamvu yawe.


Abgira umukozi w’uruzabibu, ati Rāba, none n’imyaka itatu nza kurondera insukoni kur’ uyu musukoni, sinzibone; uwuce: ugasarira iki aha hantu?


hanyuma ni wama insukoni bizoba ari vyiza; ariko n’utama, uzowuca.


Nta co umaze mu ndimiro canke mw icukiro: bapfa kuwuta. Ūri n’amatwi yumva ni yumve.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite