Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 13:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Nyen’ inzu ni yaheza guhaguruka, akugara urugi, mugatangura gukomanga muhagaze hanze, mukavuga, muti Mupfasoni, n’utwugururire: ni ho azobishura, ati Simbazi, sinzi n’iyo muvuye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Nyene inzu niyahaguruka akugara umuryango, muzohagarara inyuma mudodora, mutakamba muti: ‘Nyakwubahwa, twugururire.’ Na we azobishura ati: ‘Sindabazi kandi sinzi n’iyo muva.’

Gade chapit la Kopi




Luka 13:25
12 Referans Kwoze  

Azobabgira, ati Ndababgire, sinzi iyo muvuye; mviraho, mwa bakora ibizira mwese mwe.


Kandi munyitira iki Mwami, Mwami; ntimukore ivyo mvuga?


Maz’ azobgira n’abar’ i bumoso, ati Mva i ruhande, mwa bivume mwe, muje mu muriro utazima wateguriwe wa Murwanizi n’abamarayika biwe.


Ni murondere Uhoraho bigishoboka kw abonwa, ni mumwambaze akiri hafi:


Kuko muzi yuko hanyuma, hamwe yagomba kuragwa umugisha, atemerewe, kukw atābonye uburyo bgo kwihana, naho yawurondera cane arira.


kuko yavuze, iti Mu gihe co kwemererwamwo ndakwumvise, No ku musi wo gukirizwako ndagutabaye. Ehe none n’igihe co kwemererwamwo, ehe none n’umusi wo gukirizwako.


Ni co gituma ūkwubaha wese akwiye kugusengera mu gihe wobonerwamwo: N’ukuri, iy’ amazi asendanishije yamaze iminyika, ntazomushikako.


Ivyinjiye vyar’ ikigabo n’ikigore vyo mu bifise umubiri vyose, nk’ukw Imana yamugeze: maz’ Uhoraho amwugaranira imbere.


Nuko mwame imbuto zikwiranye n’ukwihana: kandi ntimutangure kwiyumvira mu mitima, muti Ko dufise Aburahamu, ni we sogokuruza. Ndababgira yukw aya mabuye Imana ishobora kuyavyuramw’ abana ba Aburahamu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite