Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 13:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Non’ uyu, ar’ umukobga wa Aburahamu, yaboshwe na Satani iyo myaka cumi n’umunani yose, ntakwiye kubohorwa iyo ngoyi ku musi w’isabato?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Mbega uwu mugore akaba n’umukobwa wa Aburahamu yari amaze imyaka cumi n’umunani aboshwe na Satani, ntiyari akwiye kubohorwa, naho ari ku musi w’Isabato?”

Gade chapit la Kopi




Luka 13:16
11 Referans Kwoze  

Kand’ arababgira, at’ Isabato yabayeho kubg’ umuntu, arik’ umuntu si we yabayeho kubg’ isabato.


bashire ibirāre, bave mu mutego wa wa Murwanizi yabafashe ngo bakore ivy’ agomba.


Bagabo bene Data, bana bo mu muryango wa Aburahamu, namwe abubaha Imana, ijambo ry’ako gakiza ni twebge ryatumweko.


Mwebge mur’ aba so wa Murwanizi, kand’ ivyo so yifuza ni vyo mushaka gukora. Uwo yahereye ubga mbere na mbere ar’umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kukw ata kuri kuri muri we. Iy’ avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kukw ar’ umunyabinyoma, kand’ ari we se wavyo.


Yesu amuvugako, at’ Uyu musi agakiza gashitse mur’ iyi nzu, kuk’ uyu na we ar’ umwana wa Aburahamu.


Nuko mwame imbuto zikwiranye n’ukwihana: kandi ntimutangure kwiyumvira mu mitima, muti Ko dufise Aburahamu, ni we sogokuruza. Ndababgira yukw aya mabuye Imana ishobora kuyavyuramw’ abana ba Aburahamu.


Buno Yesu aramubgira, ati Mvako, Satani, kuko vyanditswe, ng’ Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usenga, kand’ abe ari yo usaba yonyene.


Aratabaza, ati Aburahamu muvyeyi, ngirira ikigongwe, rungika Lazaro, akoze isonga y’urutoke mu mazi, ampfuvye ururimi, kuko nsesererejwe mur’ uru rubeya.


Abakūra mu mwiza no mu gitūtu c’urupfu, Aca iminyororo yabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite