Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 13:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Umwami Yesu aramwishura, ati Mwa ndyarya mwe, mbeg’ umuntu wese muri mwebge ntazitura inka yiwe cank’ indogoba yiwe mu ruhongore kw isabato, akayijana, akayishōra?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Umwami Yesu aca arishura ati: “Mwa ndyarya mwe! Ni nde muri mwebwe atozitura inka canke indogoba yiwe mu ruhongore ku musi w’Isabato ngo ayijane kunywa amazi?

Gade chapit la Kopi




Luka 13:15
16 Referans Kwoze  

Kand’ arababaza, ati Ni nde muri mwebge afise umwana cank’ inka, hogira igikorokera mw iriba, ntiyoca agikūrayo kw isabato?


Namwe ni ko muri: inyuma mubonekera abantu mur’ abagororotsi, arikw imbere mwuzuye uburyarya n’ubugarariji.


Mur’ ico gihe, ishengero ry’abantu ibihumbi vyinshi rikoranira kuri we, bakandagirana, ahēra ku bigishwa biwe, arababarira, ati Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo, ni wo buryarya.


Woshobora ute kubgira mugenzawe, uti Zana mugenzi ngutosore akabango kari mu jisho ryawe; nawe ubgawe nturābe inkingi iri mu jisho ryawe? Wa ndyarya we, banza witosore inkingi iri mu jisho ryawe, uheze ubone neza gutosora akabango kari mu jisho rya mugenzawe.


Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwugarirana ubgami bgo mw ijuru imbere y’abantu: kandi ntimubginjiramw’ ubganyu, n’abagomba kubginjiramwo ntimubakundira. [


Ni mubareke! N’impumyi zijana izindi. Arikw impumyi yojana iyindi mpumyi zompi zogwa mu cobo.


Mwa ndyarya mwe, Yesaya yavuze neza ivyo yavugishwa n’Imana kuri mwebge,


Wa ndyarya we, banza witosore inkingi iri mu jisho ryawe, uheze ubone neza gutosora akabango kari mu jisho rya mugenzawe.


Kuk’ umuntu w’agaterabgoba atituwe, n’umucokoranyi aheze, kand’ abatambira kugabitanya bose barahonnye,


Umuntu atubaha Imana yicisha mugenzi we akanwa kiwe, Arikw abagororotsi barokorwa kubgo kumenya ubgenge.


Kugira ng’ ūtubaha Imana ntaje ku ngoma, Hoye kugira abatsinda abantu mu mitego.


Umwami Yesu amubonye amutera akagongwe, aramubarira, ati Nta co urira.


Yohana ahamagara babiri mu bigishwa biwe, abatuma ku Mwami Yesu, ati Muti Mbeg’ uri wa wundi akwiye kuza, canke twitege uwundi?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite