Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 13:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Arik’ umukuru w’isinagogi yitonganiriza ivy’ uko Yesu akijije umuntu kw isabato, abgira abantu, ati Harih’ imisi itandatu, ikwiye gukorwakw ibikorwa; abe ari yo muzako mukizwe, ariko hatari ku musi w’isabato.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Ariko umukuru w’isinagogi ababazwa n’uko Yesu akijije umuntu ku musi w’Isabato. Aca abarira abari aho ati: “Imisi y’ibikorwa ni itandatu. Muzohore muza gukizwa ingwara muri iyo misi, ariko atari ku musi w’Isabato.”

Gade chapit la Kopi




Luka 13:14
20 Referans Kwoze  

Mu misi itandatu uz’ ukore, abe ari yo ukoreramw’ ibikorwa vyawe vyose:


Abafarisayo babibonye, baramubgira, bati Mbeg’ abigishwa bawe ko bakora ikizira gukorwa kw isabato!


Abanyabgenge b’ivyanditswe bo n’Abafarisayo baramugenza ngo barābe kw akiza kw isabato, ngo baronke ingene bomurega.


Maze haza umuntu yitwa Yayiro, umukuru w’isinagogi: yitembagaza imbere y’ibirenge vya Yesu, aramwinginga ngw aze i muhira i we,


Haza umwe mu bakuru b’isinagogi, yitwa Yayiro, amubonye amwitembagaza imbere y’ibirenge,


Ndabashingira intahe yuko bafise ishaka ry’Imana, ariko si mu buryo bg’ubgenge.


Abagiriki bose basūmira Sositene, umukuru w’isinagogi, bamukubitira imbere y’intebe y’imanza. Ariko Galiyo, ivyo vyose ntiyabibabara.


Ariko Krisipo, umukuru w’isinagogi, yizerana Umwami Yesu n’abo mu nzu yiwe bose; n’Abakorinto benshi bumvise barizera, barabatizwa.


Isomwa ry’ivyagezwe n’ivy’ abāvugishwa n’Imana riheze, abakuru b’isinagogi batuma kuri bo, bati Bene Data, ni mwaba mufise ijambo ryo guhanūra abantu, ni murivuge.


Ariko bo birabasaza rwose, baja inama y’ico bogira Yesu.


Ikigeretseko, mbaha n’amasabato yanje, ngw abe ikimenyetso hagati yanje na bo, kugira ngo bamenye yukw ari jewe Uhoraho mbeza.


mu misi itandatu abe ari ho ibikorwa bikorerwa, arik’ ūgira indwi n’ isabato yo kuruhuka bihebuje, n’ikoraniro ryera; ntimuze mugire igikorwa na kimwe muwukorako; n’isabato yanje Uhoraho, yo kwitonderwa mu ngo zanyu zose.


Mu misi itandatu muze mukore ibikorwa vyanyu, maze ku musi ugira indwi muze muruhuke, kugira ngw inka zanyu n’indogoba zanyu mukoresha na zo zibone kuruhuka, n’abana b’abaguranokazi banyu n’ab’ akavantara bari muri mwebge babone guta akuya.


Mu misi itandatu az’ abe ari yo ukoreramw’ ibikorwa vyawe vyose:


Ko muzisitisha imbavu n’ibitugu, izirwaye zose mukazisunikisha amahembe yanyu, gushitsa muzisanzarije kure;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite