Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 13:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Amurambikakw ibiganza, uwo mwanya aragororoka, ahimbaza Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Aca amurambikako ibiganza. Ako kanya nyene, aca aragororoka, ahimbaza Imana.

Gade chapit la Kopi




Luka 13:13
13 Referans Kwoze  

bazofata inzoka; ni banywa ikintu cica, nta co kizobagira na gatoya; bazorambika ibiganza ku barwaye, bakire.


aramwinginga cane, at’ Akana kanje k’agakobga kari ku mpfiro, ndakwinginze, n’uze se, umurambikekw ibiganza, akire, abeho.


Yongera kurambika ibiganza ku maso yayo, iritegereza, irakira, yihweza vyose neza.


Maze ntiyashobora gukoreray’ igitangaza na kimwe, atar’ abarwaye bake yarambitsekw ibiganza, akabakiza.


Kandi ku kirengazuba, abari bafise abarwaye bose barwaye indwara zitari zimwe barabamuzanira. Abarambikakw ibiganza umwe‐umwe, arabakiza.


Ananiya aragenda, yinjira mu nzu, amurambikakw ibiganza, aramubgira, ati Sauli, mwene Data, Umwami arantumye, ni we Yesu yakubonekereye mu nzira wazananye, ng’uhumūke, wuzuzwe Mpwemu Yera.


Aca ahumūka buno nyene, amukurikira ahimbaza Imana: abantu bose babibonye bashima Imana.


Ishengero ribibonye, riratinya, rihimbaza Imana yahaye abantu ububasha ben’ ubgo.


Yesu amubonye aramuhamagara, aramubgira, ati Nyina wanje, urabohowe ubumuga bgawe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite