Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 12:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Arik’ ūnyihakanira imbere y’abantu, azokwihakanirwa imbere y’abamarayika b’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ariko uwuzonyihakana imbere y’abantu, nanje nzomwihakana imbere y’abamarayika b’Imana.

Gade chapit la Kopi




Luka 12:9
15 Referans Kwoze  

namba twihangana, tuzokwimana na we; namba tuzomwihakana, na we azotwihakana;


Kuk’ umuntu wese bizotera isoni kunyemera no kwemera amajambo yanje, n’Umwana w’umuntu bizomutera isoni kumwemera, ah’ azozira afise ubgiza bgiwe n’ubga Se n’ubg’ abamarayika bera.


Kuk’ umuntu wese bizotera isoni kunyemera no kwemera amajambo yanje mur’ iki gihe c’ubusambanyi kandi c’ikinyavyaha, n’Umwana w’umuntu bizomutera isoni kumwemera, ah’ azozira afise ubgiza bga Se, azananye n’abamarayika bera.


Arik’ umuntu wese azonyihakanira imbere y’abantu, nanje nzomwihakanira imbere ya Data wo mw ijuru.


ngo Ndazi ibikorwa vyawe (ehe nashize imbere yawe urugi rwuguruye, nta wushobora kurwugara) yuk’ ufise ubushobozi buke, witondeye ijambo ryanje, ntiwihakanye izina ryanje.


Ni ho nzobajinjiburira, nti Nta ho nigeze mbamenya; mviraho, mwa bakora ibizira mwe.


Umuntu wese ahakana Umwana, na Data wa twese ntamufise: uwemera Umwana, afise na Data wa twese.


Na we arabishura, ati Ndababgire ukuri: Simbazi.


Na none bana bato, mugume muri we, kugira ngo ni yahishurwa tuze dushire ubgoba, ntidutētererwe imbere yiwe ah’ azozira.


Maz’ azobgira n’abar’ i bumoso, ati Mva i ruhande, mwa bivume mwe, muje mu muriro utazima wateguriwe wa Murwanizi n’abamarayika biwe.


Arik’ Umwana w’umuntu ah’ azozira afise ubgiza bgiwe ari kumwe n’abamarayika biwe bose, ni ho azovyagira ku ntebe yiwe y’ubgiza:


Ndababgire, Uko ni ko haba umunezero imbere y’abamarayika b’Imana kubg’ umunyavyaha umwe yihannye.


Na we arabihakana, at’ Eka nyina wanje, sindanamuzi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite